ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 26:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Yongerako ati: “Kubera iki umukama wanje ariko yoma inyuma umusuku wiwe+? Nkako, nakoze iki? Kandi ni ububi ubuhe buri mu kuboko kwanje+?

  • Zaburi 35:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Kuko banyegeje icobo gishasheko urusenga ngo ndakigwemwo, ata gituma+;

      Bacimbiye ubuzima bwanje ata gituma+.

  • Zaburi 69:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Abanyankira ubusa babaye benshi mbere kuruta n’umushatsi wo ku mutwe wanje+.

      Abarondera kunumya, bakaba ari abansi banje ata mvo, babaye benshi+.

      Ico ntari natwaye ku bwambuzi, naciye ndagisubiza.

  • Zaburi 109:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Bankikuje amajambo y’urwanko+,

      Kandi baguma bandwanya ata gituma+.

  • Zaburi 119:161
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 161 Abaganwa barampamye ata gituma+,

      Mugabo umutima wanje wagiriye ubwoba amajambo yawe+.

  • Yeremiya 37:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Maze Yeremiya abwira Umwami Zedekiya ati: “Ni igiki nacumuye kuri wewe no ku basuku bawe no kuri aba bantu+, catumye munshira mu nzu y’ibohero?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika