3 Yamara Abanyamisiri ni abantu bakuwe mw’ivu+, si Imana; amafarasi yabo ni inyama+, si impwemu. Kandi Yehova ubwiwe azoramvura ukuboko kwiwe, uwufasha atsitare, uwufashwa na we atembe+, kandi ico gihe nyene bazorangira bose uko bangana.
7 “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Ibi abe ari vyo mubwira umwami wa Yuda abatumye kuri jewe kunsiguza+, muti: “Ehe, inteko za gisirikare za Farawo zije kuri mwebwe kugira zibafashe zizobwirizwa gusubira mu gihugu cazo, ari co Misiri+.