ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 18:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 “‘Ntuze ureke ngo hagire n’umwe mu ruvyaro rwawe yegurirwa+ Moleki+. Ntuze uhumanye+ izina ry’Imana yawe muri ubwo buryo. Ndi Yehova+.

  • 2 Abami 16:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Abandanya kugendera mu nzira y’abami ba Isirayeli+, mbere n’umuhungu wiwe amucisha mu muriro+, yisunze ibintu biteye ishishi+ vy’amahanga Yehova yari yarirukanye kubera bene Isirayeli.

  • 2 Abami 17:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 kandi babandanya gucisha abahungu babo n’abakobwa babo mu muriro+ no kuragura+ no kurondera ibimenyetso bitara ibizoba+, kandi baguma bigurisha+ kugira ngo bakore ivyari bibi mu maso ya Yehova, ngo bamubabaze+.

  • 2 Abami 21:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Acisha umuhungu wiwe mu muriro+, akora ivy’amageza+ yongera arondera ibimenyetso bitara ibizoba kandi ashiraho abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+ be n’abagize umwuga ukubura ibizoba+. Akora ku rugero runini ivyari bibi mu maso ya Yehova, kugira ngo amubabaze.

  • 2 Ngoma 28:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 We ubwiwe afumbisha umwotsi w’ibimazi+ mu mubande wa mwene Hinomu+ atangura no guturirira abahungu biwe+ mu muriro, yisunze ibintu biteye ishishi+ vy’amahanga Yehova yari yarirukanye imbere ya bene Isirayeli+.

  • 2 Ngoma 33:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Acisha abahungu biwe mu muriro+ mu mubande wa mwene Hinomu+, akora ivy’amageza+, agira ivyo kuragura+, akora ivy’ubupfumu+, ashiraho abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+ be n’abagize umwuga ukubura+ ibizoba. Akora ku rugero runini ivyari bibi mu maso ya Yehova, kugira ngo amubabaze+.

  • Yeremiya 7:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Bubatse ibibanza bikirurutse* vy’i Tofeti+ hari mu mubande wa mwene Hinomu+, kugira ngo baturirire abahungu babo n’abakobwa babo mu muriro+, ikintu ntari narabategetse kandi kitigeze kinza mu mutima+.’

  • Yeremiya 19:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Bubatse ibibanza bikirurutse vya Bayali kugira ngo baturirire abahungu babo mu muriro bwa mashikanwa aturirwa uko yakabaye ashikanirwa Bayali+, ikintu ntari narategetse canke ngo mvuge+, kandi kitigeze kinza mu mutima+.”’

  • Yeremiya 32:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 Vyongeye, barubatse ibibanza bikirurutse vya Bayali+ biri mu mubande wa mwene Hinomu+, kugira ngo bacishe abahungu babo n’abakobwa babo mu muriro+ ku bwa Moleki+, ikintu ntabategetse+, eka kandi ntivyigeze binza mu mutima gukora ico kintu giteye ishishi+, kugira ngo bacumuze Yuda+.’

  • Ezekiyeli 16:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 “‘Kandi warafata abahungu bawe n’abakobwa bawe wari waramvyariye+, ukabatanga bwa kimazi kuri vyo ngo barotswe+—mbega ntiwogeza aho ubumaraya bwawe?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika