31 “‘Urwamo ruzoshika koko mu gice c’isi ca kure kurusha ibindi vyose, kuko Yehova afitaniye amatati n’amahanga+. Ubwiwe azoburana n’igifise umubiri cose+. Nayo ababisha, azobatanga ku nkota ata kabuza+,’ ni ko Yehova avuze.
20 Nzosanza urusenga rwanje hejuru yiwe, kandi ntazobura gufatwa mu rusenga rwanje rw’uruhigi+; kandi nzomuzana i Babiloni, mburanireyo na we ku bijanye n’ubuhemu yangiriye+.