ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 2:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Ibi ni vyo bizotegerezwa kuba mu kiringo ca nyuma c’imisi+: umusozi w’inzu+ ya Yehova uzoshimangirwa hejuru y’isonga ry’imisozi+, emwe, uduzwe hejuru y’imirambi+; kandi amahanga yose azorindiga koko aja kuri wo+.

  • Yesaya 66:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Emwe, bazozana bene wanyu bose babakuye mu mahanga yose+, babe ituro rihabwa Yehova+, babazanye ku mafarasi no mu mikogote no mu bireruzo bipfutse, ku nyumpu no ku ngamiya z’ingore zinyaruka+, gushika ku musozi wanje mweranda+, Yeruzalemu,” ni ko Yehova avuze, “nk’iyo bene Isirayeli bazanye ituro mu combo kidahumanye, mu nzu ya Yehova+.”

  • Ezekiyeli 17:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Nzokabadika ku musozi w’ahakirurutse wa Isirayeli+, kandi ntikazobura gushamika amashami, kame ivyamwa+, gacike isederi ry’agakomeye+. Kandi munsi yaryo ni ho vy’ukuri inyoni zose z’amababa y’ubwoko bwose zizokwibera; zizokwibera mu gitutu c’amababi yaryo+.

  • Mika 4:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Ibi ni vyo bizotegerezwa kuba mu kiringo ca nyuma c’imisi+: umusozi+ w’inzu+ ya Yehova uzoshimangirwa hejuru y’isonga ry’imisozi, emwe, uduzwe hejuru y’imirambi+; kandi ibisata vy’abantu bizorindiga koko bija kuri wo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika