ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 18:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Umva rero: wizigiye gushigikirwa n’iryo renga+ rijanjaguwe, ari ryo Misiri+, iryo umuntu aramutse aryishimikije, ryokwinjira koko mu kiganza ciwe, rikagitobekeranya. Ukwo ni ko Farawo+ umwami wa Misiri ameze ku bamwizigira bose.

  • Yesaya 30:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kandi mwebwe, igihome gikomeye ca Farawo kizotegerezwa kubabera imvo yo kumaramara+, ubuhungiro mu gitutu ca Misiri na bwo imvo yo guteterwa+.

  • Yesaya 31:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Yamara Abanyamisiri ni abantu bakuwe mw’ivu+, si Imana; amafarasi yabo ni inyama+, si impwemu. Kandi Yehova ubwiwe azoramvura ukuboko kwiwe, uwufasha atsitare, uwufashwa na we atembe+, kandi ico gihe nyene bazorangira bose uko bangana.

  • Yesaya 36:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Raba! Wizigiye gushigikirwa n’iryo renga rijanjaguwe+, ari ryo Misiri+, iryo umuntu aramutse aryishimikije, ryokwinjira koko mu kiganza ciwe, rikagitobekeranya. Ukwo ni ko Farawo+ umwami wa Misiri ameze ku bamwizigira bose+.

  • Ezekiyeli 17:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Kandi Farawo ntazotuma aroranirwa mu ntambara biciye ku nteko za gisirikare nyinshi no kw’ishengero ry’abantu isinzi+, mu kuduza igikuta c’ugusugereza no mu kwubaka uruhome rw’ugusugereza, kugira ngo arandure benshi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika