21 Umva rero: wizigiye gushigikirwa n’iryo renga+ rijanjaguwe, ari ryo Misiri+, iryo umuntu aramutse aryishimikije, ryokwinjira koko mu kiganza ciwe, rikagitobekeranya. Ukwo ni ko Farawo+ umwami wa Misiri ameze ku bamwizigira bose.
3 Yamara Abanyamisiri ni abantu bakuwe mw’ivu+, si Imana; amafarasi yabo ni inyama+, si impwemu. Kandi Yehova ubwiwe azoramvura ukuboko kwiwe, uwufasha atsitare, uwufashwa na we atembe+, kandi ico gihe nyene bazorangira bose uko bangana.
6 Raba! Wizigiye gushigikirwa n’iryo renga rijanjaguwe+, ari ryo Misiri+, iryo umuntu aramutse aryishimikije, ryokwinjira koko mu kiganza ciwe, rikagitobekeranya. Ukwo ni ko Farawo+ umwami wa Misiri ameze ku bamwizigira bose+.
17 Kandi Farawo ntazotuma aroranirwa mu ntambara biciye ku nteko za gisirikare nyinshi no kw’ishengero ry’abantu isinzi+, mu kuduza igikuta c’ugusugereza no mu kwubaka uruhome rw’ugusugereza, kugira ngo arandure benshi+.