7 Umwami wa Misiri ntiyongera+ rero gusohoka avuye mu gihugu ciwe+, kuko umwami wa Babiloni yari yaratwaye ibintu vy’umwami wa Misiri+, kuva ku mwonga+ wa Misiri gushika ku ruzi Efurate+.
2 Ku vya Misiri+, ku bijanye n’inteko za gisirikare za Farawo Neko umwami wa Misiri+, izari iruhande y’uruzi Efurate i Karikemishi+, izo Nebukadirezari umwami wa Babiloni yatsinze mu mwaka ugira kane wa Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami wa Yuda: