16 Manase kandi asesa amaraso y’intungane+ menshi cane, gushika aho ayuzuza Yeruzalemu kuva ku mpera imwe gushika ku yindi, hambavu y’igicumuro ciwe yacumuje Yuda mu gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+.
17 ‘Vy’ukuri amaso yawe n’umutima wawe nta handi biri atari ku nyungu y’akarenganyo yawe+, no ku maraso y’intungane kugira ngo uyasese+, no ku kugunga no ku kunyaga, kugira ngo ubikore.’