4 “Ko Edomu aguma avuga ngo: ‘Twarajanjaguwe, ariko tuzogaruka twubake ibibanza vyatikijwe,’ ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Bobo bazokwubaka, nanje nsambure+. Kandi ntibazobura kubita “akarere k’ububisha,” babite kandi “abantu Yehova yasutseko imisibo+ gushika igihe kitagira urugero.”