ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 49:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 “Kandi Edomu izocika akajoreza ata kabuza+. Umuntu wese azoca iruhande yayo azoyitamarira ajongorotse, avuze agahwa kubera ivyago vyayo vyose+.

  • Yeremiya 49:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Nk’uko vyabaye igihe Sodomu na Gomora n’ibisagara bibanyi vyatembagazwa+,” ni ko Yehova avuze, “nta muntu azohaba, kandi nta mwana w’abantu azohaba ari kavamahanga+.

  • Ezekiyeli 25:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Nanje nzoramvurira ukuboko kwanje kuri Edomu+, ndaharandure icitwa umuntu n’igitungwa+, ndahagire ikibanza catikijwe kuva i Temani+ gushika n’i Dedani+. Bazogwishwa n’inkota.

  • Malaki 1:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 “Ko Edomu aguma avuga ngo: ‘Twarajanjaguwe, ariko tuzogaruka twubake ibibanza vyatikijwe,’ ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo* avuze: ‘Bobo bazokwubaka, nanje nsambure+. Kandi ntibazobura kubita “akarere k’ububisha,” babite kandi “abantu Yehova yasutseko imisibo+ gushika igihe kitagira urugero*.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika