ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 18:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Ni co gituma igihugu gihumanye, kandi nzogihanira ikosa ryaco, kandi kizodahwa abakibamwo+.

  • Zaburi 106:38
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 38 Baguma bavisha amaraso y’intungane+,

      Amaraso y’abahungu babo n’abakobwa babo,

      Abo bashikaniye ibigirwamana vy’i Kanani+;

      Igihugu kiraheza gihumanywa n’ugusesa amaraso+.

  • Yesaya 24:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Kandi igihugu cahumanijwe munsi y’abakibamwo+, kuko barenze amategeko+, bahinduye ingingo nyobozi+, barenze kw’isezerano+ ryamaho igihe kitagira urugero.

  • Yeremiya 2:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 “Amaherezo narabazanye mu gihugu c’imirima y’ivyamwa, kugira ngo murye ivyamwa vyaco n’ibintu vyiza vyaco+. Mugabo mwaraje, muhumanya igihugu canje; intoranwa yanje mwayigize ikintu giteye ishishi+.

  • Yeremiya 3:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Biravugwa ngo: “Umugabo aramutse yirukanye umugore wiwe maze uno akavana koko na we hanyuma akaba uw’uwundi mugabo, mbega yoba agisubirana na nya mugore+?”

      Mbega ico gihugu nticahumanijwe rwose+?

      “Nawe wakoranye ubumaraya n’abagenzi benshi+; mbega wogaruka kuri jewe+?” ni ko Yehova avuze.

  • Yeremiya 16:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kandi imbere ya vyose, nzoriha urugero rwuzuye rw’ikosa+ ryabo n’urw’igicumuro cabo, kuko bahumanije igihugu canje+. Intoranwa yanje bayujuje ibintu vyabo bisesemye n’ibintu vyabo biteye ishishi bitagira ubuzima+.’”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika