Abalewi 18:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Ni co gituma igihugu gihumanye, kandi nzogihanira ikosa ryaco, kandi kizodahwa abakibamwo+. Zaburi 106:38 Bibiliya y’isi nshasha 38 Baguma bavisha amaraso y’intungane+,Amaraso y’abahungu babo n’abakobwa babo,Abo bashikaniye ibigirwamana vy’i Kanani+;Igihugu kiraheza gihumanywa n’ugusesa amaraso+. Yesaya 24:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Kandi igihugu cahumanijwe munsi y’abakibamwo+, kuko barenze amategeko+, bahinduye ingingo nyobozi+, barenze kw’isezerano+ ryamaho igihe kitagira urugero. Yeremiya 2:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Amaherezo narabazanye mu gihugu c’imirima y’ivyamwa, kugira ngo murye ivyamwa vyaco n’ibintu vyiza vyaco+. Mugabo mwaraje, muhumanya igihugu canje; intoranwa yanje mwayigize ikintu giteye ishishi+. Yeremiya 3:1 Bibiliya y’isi nshasha 3 Biravugwa ngo: “Umugabo aramutse yirukanye umugore wiwe maze uno akavana koko na we hanyuma akaba uw’uwundi mugabo, mbega yoba agisubirana na nya mugore+?” Mbega ico gihugu nticahumanijwe rwose+? “Nawe wakoranye ubumaraya n’abagenzi benshi+; mbega wogaruka kuri jewe+?” ni ko Yehova avuze. Yeremiya 16:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Kandi imbere ya vyose, nzoriha urugero rwuzuye rw’ikosa+ ryabo n’urw’igicumuro cabo, kuko bahumanije igihugu canje+. Intoranwa yanje bayujuje ibintu vyabo bisesemye n’ibintu vyabo biteye ishishi bitagira ubuzima+.’”
38 Baguma bavisha amaraso y’intungane+,Amaraso y’abahungu babo n’abakobwa babo,Abo bashikaniye ibigirwamana vy’i Kanani+;Igihugu kiraheza gihumanywa n’ugusesa amaraso+.
5 Kandi igihugu cahumanijwe munsi y’abakibamwo+, kuko barenze amategeko+, bahinduye ingingo nyobozi+, barenze kw’isezerano+ ryamaho igihe kitagira urugero.
7 “Amaherezo narabazanye mu gihugu c’imirima y’ivyamwa, kugira ngo murye ivyamwa vyaco n’ibintu vyiza vyaco+. Mugabo mwaraje, muhumanya igihugu canje; intoranwa yanje mwayigize ikintu giteye ishishi+.
3 Biravugwa ngo: “Umugabo aramutse yirukanye umugore wiwe maze uno akavana koko na we hanyuma akaba uw’uwundi mugabo, mbega yoba agisubirana na nya mugore+?” Mbega ico gihugu nticahumanijwe rwose+? “Nawe wakoranye ubumaraya n’abagenzi benshi+; mbega wogaruka kuri jewe+?” ni ko Yehova avuze.
18 Kandi imbere ya vyose, nzoriha urugero rwuzuye rw’ikosa+ ryabo n’urw’igicumuro cabo, kuko bahumanije igihugu canje+. Intoranwa yanje bayujuje ibintu vyabo bisesemye n’ibintu vyabo biteye ishishi bitagira ubuzima+.’”