ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 20:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 “Ntugafate izina rya Yehova Imana yawe nk’aho ata co rimaze+, kuko Yehova atazoreka guhana uwufata izina ryiwe nk’aho ata co rimaze+.

  • Zaburi 74:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Ibuka ibi: Umwansi yagusize iceyi, ewe Yehova+,

      Kandi igisata c’abantu c’imburabwenge cagaye izina ryawe+.

  • Yesaya 48:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ku bw’izina ryanje, nzotangira ishavu ryanje+, kandi ku bw’ishemezo ryanje nzokwifata ku bijanye nawe kugira nturandurwe+.

  • Yesaya 52:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 “None ubu, ni inyungu nki mfise ng’aha?” ni ko Yehova avuze. “Kuko abantu banje bajanywe kuri gusa+. Ababaganza bagumye baboroga+,” ni ko Yehova avuze, “kandi izina ryanje ryagumye rigawa burinda bwira+.

  • Ezekiyeli 20:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Maze ngira ico nkoze ku bw’izina ryanje kugira ngo ntirihumanywe mu maso y’amahanga barimwo+, kuko nari nimenyekanishije kuri bo mu maso yayo mu kubakura mu gihugu ca Misiri+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika