Kuvayo 20:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Ntugafate izina rya Yehova Imana yawe nk’aho ata co rimaze+, kuko Yehova atazoreka guhana uwufata izina ryiwe nk’aho ata co rimaze+. Zaburi 74:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Ibuka ibi: Umwansi yagusize iceyi, ewe Yehova+,Kandi igisata c’abantu c’imburabwenge cagaye izina ryawe+. Yesaya 48:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ku bw’izina ryanje, nzotangira ishavu ryanje+, kandi ku bw’ishemezo ryanje nzokwifata ku bijanye nawe kugira nturandurwe+. Yesaya 52:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 “None ubu, ni inyungu nki mfise ng’aha?” ni ko Yehova avuze. “Kuko abantu banje bajanywe kuri gusa+. Ababaganza bagumye baboroga+,” ni ko Yehova avuze, “kandi izina ryanje ryagumye rigawa burinda bwira+. Ezekiyeli 20:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Maze ngira ico nkoze ku bw’izina ryanje kugira ngo ntirihumanywe mu maso y’amahanga barimwo+, kuko nari nimenyekanishije kuri bo mu maso yayo mu kubakura mu gihugu ca Misiri+.
7 “Ntugafate izina rya Yehova Imana yawe nk’aho ata co rimaze+, kuko Yehova atazoreka guhana uwufata izina ryiwe nk’aho ata co rimaze+.
18 Ibuka ibi: Umwansi yagusize iceyi, ewe Yehova+,Kandi igisata c’abantu c’imburabwenge cagaye izina ryawe+.
9 Ku bw’izina ryanje, nzotangira ishavu ryanje+, kandi ku bw’ishemezo ryanje nzokwifata ku bijanye nawe kugira nturandurwe+.
5 “None ubu, ni inyungu nki mfise ng’aha?” ni ko Yehova avuze. “Kuko abantu banje bajanywe kuri gusa+. Ababaganza bagumye baboroga+,” ni ko Yehova avuze, “kandi izina ryanje ryagumye rigawa burinda bwira+.
9 Maze ngira ico nkoze ku bw’izina ryanje kugira ngo ntirihumanywe mu maso y’amahanga barimwo+, kuko nari nimenyekanishije kuri bo mu maso yayo mu kubakura mu gihugu ca Misiri+.