5 Maze mbona uruhome hanze y’inzu, ruhakikuje hose. Kandi mu kuboko kwa nya mugabo hari irenga ryo kugeresha ry’amatambwe atandatu, hisunzwe itambwe n’ubwaguke bw’ikiganza. Nuko atangura kugera ubwaguke bwa nya kintu cubatse, buba irenga rimwe; amahagarara na yo, irenga rimwe.