9 Kandi ibikenewe, ni ukuvuga ibimasa+ n’impfizi z’intama+ n’imyagazi y’intama+ bigenewe amashikanwa aturirwa ahabwa Imana yo mw’ijuru, ingano+, umunyu+, umuvinyu+ n’amavuta+, nk’uko abaherezi bari i Yeruzalemu bazovuga, ntibaze babure kwama babihabwa ku musi ku musi;