ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 13:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Nzobamenagura mu kubasekanya, ba se n’abana, icarimwe+,” ni ko Yehova avuze. “Sinzogira impuhwe, canke ngo numve akagongwe, kandi sinzogira imbabazi ngo ndeke kubahonya+.”’

  • Ezekiyeli 5:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 “‘Ndahiye rero ukubaho kwanje,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, ‘ni ukuri, kubera ko aheranda hanje ari ho wahumanishije ibintu vyawe vyose bisesemye+ be n’ibintu vyawe vyose biteye ishishi+, jewe rero ni je nzokugabanya+, kandi ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe+, kandi jewe sinzogira impuhwe+.

  • Ezekiyeli 8:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Nanje rero nzogira ico nkoze mu bushangashirwe+. Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe, eka nta n’impuhwe nzogira+. Kandi ntibazobura gusemerera mu matwi yanje n’ijwi rirenga, mugabo sinzobumva+.”

  • Ezekiyeli 9:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Nanje rero, ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe+, eka nta n’impuhwe+ nzogira. Inzira yabo sinzobura kuyizana ku mutwe wabo+.”

  • Zakariya 11:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 “‘Kuko ntazosubira kwumvira impuhwe ababa mu gihugu+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Ehe rero ngira ntume abantu bagwa, umwe wese agwe mu kuboko kwa mugenziwe+ no mu kuboko kw’umwami wiwe+; emwe, igihugu bazokigira ubunywenywe, kandi nta we nzorokora mu kuboko kwabo+.’”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika