ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 7:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Samweli abwira inzu ya Isirayeli yose ati: “Nimba mugarutse kuri Yehova+ n’umutima wanyu wose, nimukure imana z’inyamahanga hagati muri mwebwe+ be n’ibishusho vya Ashitoreti+, maze mwerekeze umutima wanyu kuri Yehova ata gukevya kandi mumukorere wenyene+, na we azobarokora mu kuboko kw’Abafilisitiya+.”

  • 1 Abami 8:47
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 47 maze bakagarura koko ubwenge mu gihugu bazoba batwawemwo ari imbohe+, hanyuma bakagaruka koko kuri wewe+, bakagusaba+ ubutoni mu gihugu c’ababagize imbohe+, mu kuvuga bati: ‘Twaracumuye+ kandi twarahuvye+, twakoze ivy’ububisha+’;

  • Yesaya 55:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Umubisha nahebe inzira yiwe+, n’umuntu agira nabi ahebe ivyiyumviro vyiwe+; nagaruke kuri Yehova, uwuzomugirira imbabazi+, ku Mana yacu, kuko izobabarira cane+.

  • Yeremiya 8:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Kubera iki aba bantu, ari bo Yeruzalemu, bahemuka n’ubuhemu budahera? Barafashe uruyeri baragumya+; baranse kugaruka+.

  • Ivyakozwe 3:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 “Nimwigaye+ rero, muhindukire+ kugira ngo ibicumuro vyanyu bihanagurwe+, ngo ibiringo vy’ukuruhurirwa+ bibone kuza bivuye imbere ya Yehova

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika