ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 28:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Yehova azotuma ikiza kikwumirako gushika agutikije ku butaka uriko urajamwo ngo ubwigarurire+.

  • 2 Samweli 24:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Maze Yehova arungika ikiza+ muri Isirayeli, kuva mu gitondo gushika igihe cashinzwe, ku buryo mu bantu, kuva i Dani gushika i Beyeri-sheba+, hapfa abantu ibihumbi mirongo irindwi+.

  • Yeremiya 14:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Igihe bisonzesha, sinumviriza akamo kabo k’ukwinginga+; kandi igihe bashikana ishikanwa riturirwa uko ryakabaye n’ishikanwa ry’intete, ntibimpimbara+; kuko ngira ndabamarishe inkota n’ikigoyi n’ikiza+.”

  • Amosi 4:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “‘Nabarungitsemwo ikiza kimeze nka kimwe co mu Misiri+. Nicishije inkota imisore yanyu+, amafarasi yanyu agirwa imbohe+. Nagumye ntuma umuduhu wo mu makambi yanyu uduga mu mazuru yanyu+; mugabo ntimwangarutseko+,’ ni ko Yehova avuze.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika