Gusubira mu vyagezwe 4:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Kuko Yehova Imana yawe ari Imana y’inyembabazi+. Ntazoguta canke ngo aguhonye canke ngo yibagire isezerano+ rya ba sogokuruza bawe, iryo yabarahiye. 2 Ngoma 36:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Vyongeye, abasigaye batishwe n’inkota abatwara i Babiloni ari imbohe+, baba abasuku biwe+ n’ab’abahungu biwe gushika ubwami bw’Ubuperesi+ butanguye kuganza; Yesaya 6:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Kandi muri co hazogumaho ic’icumi+, kandi kizotegerezwa kwongera gucika ikintu co gutongorwa, nka kurya kw’igiti kinini n’uruti rusagaraye bigira igishitsi+ iyo vyiciwe+; uruvyaro* rweranda ni rwo ruzoba igishitsi caco+.” Yesaya 10:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Kuri uwo musi, abazoba basigaye ba Isirayeli+ be n’abacitse kw’icumu b’inzu ya Yakobo ntibazokwongera kwishimikiza uwubakubita+, ariko bazokwishimikiza Yehova, wa Mweranda wa Isirayeli+, mu kuri+. Ezekiyeli 6:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 “‘“Ivyo nivyashika, abo nzoreka ngo bababere amasigarira, ni abazoba bacitse ku nkota mu mahanga, nimwasanzarizwa mu bihugu+. Mika 5:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Amasigarira ya Yakobo+, hagati mu bisata vy’abantu vyinshi azoba nk’ikime kivuye kuri Yehova+, nk’imicuncubuko y’imvura ku bimera+, bititega umuntu canke ngo birindire abana b’umuntu yakuwe mw’ivu+.
31 Kuko Yehova Imana yawe ari Imana y’inyembabazi+. Ntazoguta canke ngo aguhonye canke ngo yibagire isezerano+ rya ba sogokuruza bawe, iryo yabarahiye.
20 Vyongeye, abasigaye batishwe n’inkota abatwara i Babiloni ari imbohe+, baba abasuku biwe+ n’ab’abahungu biwe gushika ubwami bw’Ubuperesi+ butanguye kuganza;
13 Kandi muri co hazogumaho ic’icumi+, kandi kizotegerezwa kwongera gucika ikintu co gutongorwa, nka kurya kw’igiti kinini n’uruti rusagaraye bigira igishitsi+ iyo vyiciwe+; uruvyaro* rweranda ni rwo ruzoba igishitsi caco+.”
20 Kuri uwo musi, abazoba basigaye ba Isirayeli+ be n’abacitse kw’icumu b’inzu ya Yakobo ntibazokwongera kwishimikiza uwubakubita+, ariko bazokwishimikiza Yehova, wa Mweranda wa Isirayeli+, mu kuri+.
8 “‘“Ivyo nivyashika, abo nzoreka ngo bababere amasigarira, ni abazoba bacitse ku nkota mu mahanga, nimwasanzarizwa mu bihugu+.
7 “Amasigarira ya Yakobo+, hagati mu bisata vy’abantu vyinshi azoba nk’ikime kivuye kuri Yehova+, nk’imicuncubuko y’imvura ku bimera+, bititega umuntu canke ngo birindire abana b’umuntu yakuwe mw’ivu+.