ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 4:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Kuko Yehova Imana yawe ari Imana y’inyembabazi+. Ntazoguta canke ngo aguhonye canke ngo yibagire isezerano+ rya ba sogokuruza bawe, iryo yabarahiye.

  • 2 Ngoma 36:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Vyongeye, abasigaye batishwe n’inkota abatwara i Babiloni ari imbohe+, baba abasuku biwe+ n’ab’abahungu biwe gushika ubwami bw’Ubuperesi+ butanguye kuganza;

  • Yesaya 6:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Kandi muri co hazogumaho ic’icumi+, kandi kizotegerezwa kwongera gucika ikintu co gutongorwa, nka kurya kw’igiti kinini n’uruti rusagaraye bigira igishitsi+ iyo vyiciwe+; uruvyaro* rweranda ni rwo ruzoba igishitsi caco+.”

  • Yesaya 10:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Kuri uwo musi, abazoba basigaye ba Isirayeli+ be n’abacitse kw’icumu b’inzu ya Yakobo ntibazokwongera kwishimikiza uwubakubita+, ariko bazokwishimikiza Yehova, wa Mweranda wa Isirayeli+, mu kuri+.

  • Ezekiyeli 6:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “‘“Ivyo nivyashika, abo nzoreka ngo bababere amasigarira, ni abazoba bacitse ku nkota mu mahanga, nimwasanzarizwa mu bihugu+.

  • Mika 5:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 “Amasigarira ya Yakobo+, hagati mu bisata vy’abantu vyinshi azoba nk’ikime kivuye kuri Yehova+, nk’imicuncubuko y’imvura ku bimera+, bititega umuntu canke ngo birindire abana b’umuntu yakuwe mw’ivu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika