ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 18:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ku bw’ivyo rero Yehova avuga ati: “Induru y’ukwidogera Sodomu na Gomora+, emwe, ni nyinshi, kandi igicumuro cabo, emwe, kiraremereye cane+.

  • Nehemiya 9:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Wewe uragororotse+ mu vyadushikiye vyose, kuko wakoranye ubwizigirwa+, mugabo twebwe ni twe twakoze ivy’ububisha+.

  • Yeremiya 22:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Maze bazovuga bati: “Ni kubera yuko bataye isezerano rya Yehova Imana yabo+, bagatangura kwunamira izindi mana no kuzikorera+.”’

  • Ezekiyeli 8:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Maze abandanya kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, urabona ibintu bikomeye biteye ishishi bariko barakora+, ivyo inzu ya Isirayeli iriko ikorera ng’aha kugira ngo mbe kure y’aheranda hanje+? Yamara kandi, urongera kubona ibintu bikomeye biteye ishishi.”

  • Ezekiyeli 9:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Nuko ambwira ati: “Ikosa ry’inzu ya Isirayeli na Yuda+ rirakomeye cane rwose+; igihugu cuzuye ugusesa amaraso+, kandi igisagara cuzuye ubuhetarare+; kuko bavuze ngo: ‘Yehova yarahevye igihugu+, kandi Yehova ntabona+.’

  • Daniyeli 9:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ewe Yehova, ufise ubugororotsi, mugabo twebwe dufise ibimaramare ku maso yacu nk’uko biri uyu musi+, twe n’abagabo ba Yuda n’ababa i Yeruzalemu be n’abo muri Isirayeli bose, abari hafi be n’abari kure mu bihugu vyose wabashwiragijemwo kubera ubuhemu bwabo bakugiriye+.

  • Abaroma 2:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Mugabo nk’uko ubukomantare bwawe+ n’umutima wawe utigaya biri+, uriko wirundaniriza uburake+ ku musi w’uburake+ n’uw’uguhishurwa+ kw’urubanza rugororotse rw’Imana+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika