ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 4:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kandi muze muzigumye kandi muzishitse, kuko kuri mwebwe ivyo ari ubukerebutsi+ n’ugutegera+ mu maso y’ibisata vy’abantu bizokwumva ivy’izo ngingo nyobozi zose, kandi ntibazobura kuvuga ngo: ‘Iri hanga rikomeye, mu vy’ukuri ni abantu bakerebutse kandi bafise ugutegera+.’

  • 2 Samweli 7:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Vyongeye, ni ihanga rimwe irihe mw’isi rimeze nk’abantu bawe Isirayeli+, abo wewe Imana wagiye kwicungurira bwa gisata c’abantu+, kugira wiheshe izina+ no kugira ukigirire ibintu bikomeye kandi biteye ubwoba+⁠—​ngo wirukane amahanga n’imana zayo ku bw’abantu bawe wicunguriye+ ubakuye mu Misiri?

  • 1 Abami 10:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kandi umwamikazi wa Sheba+ yarumva inkuru yerekeye Salomo ku bijanye n’izina rya Yehova+. Aza rero kumugeza n’ibibazo bigoye+.

  • Zaburi 50:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  2 Imana ubwayo yasayanganye+ iri i Siyoni, bwa bwiza butagira akanenge+.

  • Gucura intimba 2:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Abahita ku nzira bose bakubise amashi ku yandi baguhema+.

      Bavugije agahwa+ kandi baguma bazungiriza umutwe+ umukobwa wa Yeruzalemu, bavuga bati:

      “Mbega iki ni ca gisagara bahora bavuga ngo: ‘Ni ubwiza butagira akanenge, umwigino w’isi yose+’?”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika