ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 18:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ku bw’ivyo rero Yehova avuga ati: “Induru y’ukwidogera Sodomu na Gomora+, emwe, ni nyinshi, kandi igicumuro cabo, emwe, kiraremereye cane+.

  • Itanguriro 19:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Maze Yehova agwisha kuri Sodomu no kuri Gomora imvura y’amazuku n’umuriro bivuye kuri Yehova, bivuye mu majuru+.

  • Gusubira mu vyagezwe 29:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 amazuku n’umunyu+ n’ukururumba+, ku buryo intara yaco yose itazobibwa, canke ngo imere, canke ngo hagire n’icatsi na kimwe kimera muri yo, nka kumwe kw’itembagazwa rya Sodomu na Gomora+, Adima+ na Zeboyimu+, bimwe Yehova yatembagaza mw’ishavu ryiwe no mu burake bwiwe+;

  • Gusubira mu vyagezwe 32:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Kuko umuzabibu wabo uva ku muzabibu w’i Sodomu

      No ku mikobeko y’i Gomora+.

      Inzabibu zabo ni inzabibu z’ubumara,

      Imisoko yabo irarura+.

  • Yesaya 1:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Nimwumve ijambo rya Yehova+, mwa ntwazagikenye+ za Sodomu+! Tege ugutwi itegeko ry’Imana yacu, mwa bantu b’i Gomora!

  • Yesaya 3:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Uko mu maso habo hameze, harabâgiriza koko+, kandi barahishura igicumuro cabo kimeze nk’ica Sodomu+. Ntibakinyegeje. Baragowe! Kuko bikwegeye ivyago+.

  • Yeremiya 23:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Nabonye ibintu biteye ikinya mu bahanuzi ba Yeruzalemu+: ukurenga ibigo+ n’ukugendera mu kinyoma+; bakomeje amaboko y’inkozi z’ikibi kugira ngo ntibahindukire+, umwe wese ngo ave mu bubi bwiwe. Bose bambereye nka Sodomu+, ababa muri we bose na bo bambera nka Gomora+.”

  • Yuda 7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ni ko na Sodomu na Gomora n’ibisagara vyari bihakikije+, aho bimariye gukora ubusambanyi cokimwe n’abo bamarayika bikimonogoza, bigakurikira umubiri ku bwo kuwukoresha ibidakorwa+, vyashizwe imbere yacu ngo bitubere akarorero ko kutuburira+ mu gushikirwa n’igihano c’urubanza c’umuriro utazima+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika