ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 3:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Ndamanutse rero kubarokora mu kuboko kw’Abanyamisiri+, ndabadugane ndabakure muri ico gihugu, ndabajane mu gihugu ciza kandi cagutse, igihugu gitemba amata n’ubuki+, ahantu h’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori n’Abaperizi n’Abahiwi n’Abayebusi+.

  • Gusubira mu vyagezwe 6:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kandi utegerezwa kwumviriza, ewe Isirayeli, no kwitwararika kubikora+, kugira bikugendere neza+ no kugira mugwire cane, nk’uko Yehova Imana ya ba sogokuruza bawe yagusezeraniye+, ku bijanye na ca gihugu gitemba amata n’ubuki.

  • Gusubira mu vyagezwe 8:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Kuko Yehova Imana yawe ariko arakujana mu gihugu ciza+, igihugu c’imyonga y’amazi, c’imbizi be n’inyenga z’amazi bidudubiza mu kiyaya c’umubande+ no mu karere k’imisozi,

  • Yosuwa 5:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko bene Isirayeli bari bamaze imyaka mirongo ine+ bagendagenda mu gahinga, gushika ihanga ryose ry’abarwanyi bavuye mu Misiri batumvirije ijwi rya Yehova rirangiye, abo Yehova yarahiye yuko atokwigeze areka ngo babone igihugu+ Yehova yari yararahiye ba sekuruza babo ko azokiduha+, igihugu gitemba amata n’ubuki+.

  • Yeremiya 11:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 kugira ngo nshitse indahiro narahiye ba sogokuruza banyu+, ko nzobaha igihugu gitemba amata n’ubuki+, nk’uko biri uyu musi.’”’”

      Nuko nishura nti: “Amen, ewe Yehova!”

  • Yeremiya 32:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 “Mu nyuma warabahaye iki gihugu wari wararahiye ba sekuruza babo ko uzokibaha+, igihugu gitemba amata n’ubuki+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika