3 “‘Igikorwa gishobora gukorwa mu misi itandatu, mugabo ku musi ugira indwi ni isabato y’akaruhuko kuzuye+, ihwaniro ryeranda. Nta gikorwa na kimwe muzokora. Ni isabato ya Yehova aho muba hose+.
24 “Bwira bene Isirayeli uti: ‘Mu kwezi kugira indwi+, ku musi wa mbere wa nya kwezi, hakwiye kuba akaruhuko kuzuye kuri mwebwe, ubabere icibutso biciye kw’ijwi ry’urumbete+, ihwaniro ryeranda+.
32 Ni isabato y’akaruhuko kuzuye kuri mwebwe+, kandi mutegerezwa kwibabaza+ ku musi ugira icenda wa nya kwezi ku mugoroba. Kuva ku mugoroba gushika ku wundi mugoroba, mukwiye kwubahiriza isabato yanyu.”
4 Mugabo mu mwaka ugira indwi hakwiye kuba isabato y’akaruhuko kuzuye kuri nya gihugu+, isabato kuri Yehova. Umurima wawe ntuze uwubibe imbuto, kandi umurima wawe w’imizabibu ntuze uwututurire.