ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 20:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “Mu kwibuka umusi w’isabato ngo uwufate ko ari mweranda+,

  • Abalewi 23:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “‘Igikorwa gishobora gukorwa mu misi itandatu, mugabo ku musi ugira indwi ni isabato y’akaruhuko kuzuye+, ihwaniro ryeranda. Nta gikorwa na kimwe muzokora. Ni isabato ya Yehova aho muba hose+.

  • Abalewi 23:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 “Bwira bene Isirayeli uti: ‘Mu kwezi kugira indwi+, ku musi wa mbere wa nya kwezi, hakwiye kuba akaruhuko kuzuye kuri mwebwe, ubabere icibutso biciye kw’ijwi ry’urumbete+, ihwaniro ryeranda+.

  • Abalewi 23:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Ni isabato y’akaruhuko kuzuye kuri mwebwe+, kandi mutegerezwa kwibabaza+ ku musi ugira icenda wa nya kwezi ku mugoroba. Kuva ku mugoroba gushika ku wundi mugoroba, mukwiye kwubahiriza isabato yanyu.”

  • Abalewi 25:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Mugabo mu mwaka ugira indwi hakwiye kuba isabato y’akaruhuko kuzuye kuri nya gihugu+, isabato kuri Yehova. Umurima wawe ntuze uwubibe imbuto, kandi umurima wawe w’imizabibu ntuze uwututurire.

  • Abalewi 25:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Uyo mwaka ugira mirongo itanu uzobabera Yubile+. Ntimuze mubibe imbuto canke ngo mushwabure ivyimejeje mu gihugu bivuye ku dutete twasesetse, canke ngo musarure inzabibu z’imizabibu yaco idatuturiwe+.

  • Gusubira mu vyagezwe 5:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “‘Mu kwubahiriza umusi w’isabato ngo uwufate ko ari mweranda, nk’uko Yehova Imana yawe yagutegetse+,

  • Nehemiya 9:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Wabamenyesheje isabato+ yawe nyeranda wongera ubategeka amabwirizwa n’ingingo nyobozi n’itegeko biciye kuri Musa umusavyi wawe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika