ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 11:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Nanje ndaza kumanuka+, mvuganire nawe ng’aho+; kandi ndaza gukura nkeyi ku mpwemu+ iri kuri wewe ndayishire kuri bo, na bo bazogufasha kwikorera umutwaro w’abo bantu kugira ngo ntuwikorere wenyene+.

  • Yesaya 63:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Maze batangura kwibuka imisi ya kera, na Musa umusavyi wiwe, ngo: “Ari hehe Umwe yabadugana abakuye mu kiyaga+ hamwe n’abungere b’umukuku wiwe+? Ari hehe Umwe yamushiramwo impwemu nyeranda yiwe+?

  • Daniyeli 4:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 “‘Iyo ni yo ndoto jewe Umwami Nebukadinezari nabonye; nawe ga Beluteshazari, vuga insobanuro iyo ari yo, narirya izindi nkerebutsi zose zo mu bwami bwanje zidashoboye kumenyesha insobanuro+. Ariko wewe urabishoboye, kuko impwemu y’imana z’inyeranda iri muri wewe+.’

  • Daniyeli 4:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 iyi ni yo nsobanuro, mwami, kandi ingingo yashinzwe+ ya Musumbavyose+ ni yo izoshika ku mukama wanje umwami+.

  • Daniyeli 5:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Mu bwami bwawe hariho umuntu abishoboye arimwo impwemu y’imana z’inyeranda+; kandi mu misi ya so wawe, umuco n’ugutahura kwimbitse n’ubukerebutsi bumeze nk’ubukerebutsi bw’imana vyabonetse muri we, kandi Umwami Nebukadinezari so wawe yamugize umukuru+ w’abaherezi b’abanyamageza, abahamagara imizimu, Abakaludaya be n’abaragurira ku nyenyeri, so wawe nyene, mwami;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika