18 Kandi ibikoresho vyose+ vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, bininibinini+ na bitobito, be n’amatunga+ y’inzu ya Yehova n’amatunga y’umwami+ n’ay’abaganwa biwe, vyose ajana i Babiloni.
7 Vyongeye, Umwami Kuro ubwiwe asohora ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova+, ivyo Nebukadinezari yari yarakuye i Yeruzalemu+ akabishira mu nzu y’imana yiwe+.
2 Mu nyuma Yehova atanga mu kuboko kwiwe Yehoyakimu umwami wa Yuda+, na bimwe mu bikoresho+ vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, ku buryo abizana mu gihugu ca Shinari+ ku nzu y’imana yiwe; nya bikoresho abizana ku nzu y’itunga y’imana yiwe+.