ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 25:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Nya mukuru w’abacungera ubuzima atwara ibijamwo umuriro n’amabakure vyari bikozwe mu nzahabu itavanze+ n’ivyari bikozwe mw’ifeza itavanze+.

  • 2 Ngoma 36:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kandi ibikoresho vyose+ vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, bininibinini+ na bitobito, be n’amatunga+ y’inzu ya Yehova n’amatunga y’umwami+ n’ay’abaganwa biwe, vyose ajana i Babiloni.

  • Ezira 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Vyongeye, Umwami Kuro ubwiwe asohora ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova+, ivyo Nebukadinezari yari yarakuye i Yeruzalemu+ akabishira mu nzu y’imana yiwe+.

  • Yeremiya 27:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Kandi nabwiye abaherezi n’aba bantu bose nti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ntimwumvirize amajambo y’abahanuzi banyu bababwira ubuhanuzi ngo: “Ehe, ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova bigiye kugarukanwa ubu bwa vuba bikuwe i Babiloni+!” Kuko bababwira ubuhanuzi bw’ikinyoma+.

  • Yeremiya 52:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Nya mukuru w’abacungera ubuzima atwara+ amabesani+ n’ibijamwo umuriro n’amabakure+ n’ibigopo n’ibitereko vy’amatara+ n’ibikombe n’amabakure vyari bikozwe mu nzahabu itavanze+, n’ivyari bikozwe mw’ifeza itavanze+.

  • Daniyeli 1:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Mu nyuma Yehova atanga mu kuboko kwiwe Yehoyakimu umwami wa Yuda+, na bimwe mu bikoresho+ vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, ku buryo abizana mu gihugu ca Shinari+ ku nzu y’imana yiwe; nya bikoresho abizana ku nzu y’itunga y’imana yiwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika