6 Nuko abandanya kuvuga ati: “Ndabinginze mwumve amajambo yanje. Iyo muri mwebwe haba hari umuhanuzi wa Yehova, nari kumwimenyesha mw’iyerekwa+. Novuganye na we mu ndoto+.
28 Ariko mu majuru hariho Imana ihishura amabanga+, kandi yamenyesheje Umwami Nebukadinezari ibibwirizwa kuba mu kiringo ca nyuma c’imisi+. Indoto yawe be n’ivyo weretswe mu mutwe wawe uri ku gitanda cawe, ng’ibi:
11 Kuko, ni nde mu bantu azi ibintu vy’umuntu atari impwemu+ y’umuntu iri muri we? Muri ubwo buryo nyene, nta n’umwe yamenye ibintu vy’Imana atari impwemu+ y’Imana.