35 Na bo, mu gihe c’ubwami bwabo+ no mu bintu vyiza vyawe vyinshi+ wabahaye no mu gihugu cagutse kandi kinuze+ wabaronkeje, ntibagukoreye+ kandi ntibahindukiye ngo bave mu ngeso zabo mbi+.
6 “‘Nanje, ku ruhande rwanje, nabahaye amenyo asukuye+ mu bisagara vyanyu vyose, n’ubukene bw’umukate mu bibanza vyanyu vyose+; ariko ntimwangarutseko+,’ ni ko Yehova avuze.
4 “‘Ntimube nka ba so+, abo abahanuzi ba kera bahamagaye+, ngo: “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ndabinginze mugaruke muve mu nzira zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi+.’”’
“‘Mugabo ntibumvirije, kandi ntibanteze ugutwi+,’ ni ko Yehova avuze.