4 Ariko umwami wa Ashuri yubura umugambi mubi+ muri Hosheya, kuko yari yatumye intumwa ku mwami wa Misiri+ yitwa So, kandi akaba ataduganira ikibuguro umwami wa Ashuri nko mu myaka yo hambere. Ku bw’ivyo umwami wa Ashuri aramwugarana, aguma amuboheye mu nzu y’ibohero+.