Yesaya 41:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Mu gahinga nzohashira igiti c’isederi, umunyinya n’igiti c’umuhadasi n’igiti c’amavuta+. Mu kiyaya c’ubugaragwa nzohashira igiti c’umuberoshi, igiti c’umutidari n’akajwari icarimwe+; Yesaya 55:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Mu kibanza c’igisaka c’inzitane c’amahwa hazoduga igiti c’umuberoshi+. Mu kibanza c’igisuru kibaba hazoduga igiti c’umuhadasi+. Kuri Yehova bizoba ikintu ca rurangiranwa+, ikimenyetso co gushika igihe kitagira urugero+ kitazorandurwa.” Yesaya 60:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 “Ubuninahazwa bwa Libani buzoza kuri wewe, igiti c’umuberoshi, igiti c’umutidari be n’akajwari icarimwe+, kugira ngo ikibanza c’aheranda hanje gisharizwe+; kandi nzoninahaza ikibanza c’ibirenge vyanje+.
19 Mu gahinga nzohashira igiti c’isederi, umunyinya n’igiti c’umuhadasi n’igiti c’amavuta+. Mu kiyaya c’ubugaragwa nzohashira igiti c’umuberoshi, igiti c’umutidari n’akajwari icarimwe+;
13 Mu kibanza c’igisaka c’inzitane c’amahwa hazoduga igiti c’umuberoshi+. Mu kibanza c’igisuru kibaba hazoduga igiti c’umuhadasi+. Kuri Yehova bizoba ikintu ca rurangiranwa+, ikimenyetso co gushika igihe kitagira urugero+ kitazorandurwa.”
13 “Ubuninahazwa bwa Libani buzoza kuri wewe, igiti c’umuberoshi, igiti c’umutidari be n’akajwari icarimwe+, kugira ngo ikibanza c’aheranda hanje gisharizwe+; kandi nzoninahaza ikibanza c’ibirenge vyanje+.