ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 54:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Abana bawe bose+ bazoba abigishijwe na Yehova+, kandi amahoro y’abana bawe azoba menshi+.

  • Yeremiya 9:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 “Mugabo uwiyemera yiyemere kubera iki kintu: ko afise ugutahura kwimbitse+, ko anzi, yuko jewe ndi Yehova+, Umwe agira ubuntu bwuzuye urukundo, ubutungane n’ubugororotsi mw’isi+; kuko ivyo ari vyo koko bimpimbara+,” ni ko Yehova avuze.

  • Yeremiya 24:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nzobaha umutima kugira bamenye jewe+, bamenye yuko jewe ndi Yehova; kandi bazoba koko abantu banje+, nanje mbe Imana yabo, kuko bazongarukako n’umutima wabo wose+.

  • Yeremiya 31:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 “Ntibazosubira kwigishanya, ngo umwe wese yigishe mugenziwe, kandi ngo umwe wese yigishe mwene wabo+, ngo: ‘Nimumenye Yehova+!’, kuko bose bazomenya, guhera ku muto muri bo gushika no ku wuhambaye kuruta abandi bose muri bo+,” ni ko Yehova avuze. “Kuko nzobababarira ikosa ryabo, kandi igicumuro cabo sinzosubira kucibuka+.”

  • Ezekiyeli 38:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Nzokwininahaza koko, niyeze+ nongere nimenyekanishe mu maso y’amahanga menshi; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’

  • Abaheburayo 8:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 “‘Kandi umwe wese muri bo ntazogenda yigishije umunyagihugu mugenziwe canke ngo umwe wese yigishe mwene wabo, ngo: “Menya Yehova+!” Kuko bose bazomenya+, guhera ku muto kugeza ku wuhambaye kuruta abandi bose muri bo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika