Yesaya 11:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: Yehova azokwongera gutanga ukuboko kwiwe, ubugira kabiri+, kugira ngo yironse amasigarira y’abantu biwe bazoba basigaye, bavuye muri Ashuri+ no mu Misiri+ n’i Patirosi+ n’i Kushi+ n’i Elamu+ n’i Shinari+ n’i Hamati no mu mazinga y’ikiyaga+. Yeremiya 31:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Nimusemerere n’ijwi rirenga kuri Yakobo munezerewe, mwanirize akamo kw’isonga ry’amahanga+. Nimuvyamamaze+. Shemeze Imana, muvuge muti: ‘Ewe Yehova, kiza abantu bawe, amasigarira ya Isirayeli+.’ Mika 4:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Uwacumbagira nzomugira amasigarira+, n’uwari yarirukaniwe kure ndamugire ihanga rikomeye+; kandi Yehova azobaganza ku musozi Siyoni, guhera ubu gushika igihe kitagira urugero+. Abaroma 9:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Vyongeye, Yesaya arasemerera ku vyerekeye Isirayeli ati: “Naho igitigiri ca bene Isirayeli coba nk’umusenyi w’ikiyaga+, amasigarira ni yo azokizwa+.
11 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: Yehova azokwongera gutanga ukuboko kwiwe, ubugira kabiri+, kugira ngo yironse amasigarira y’abantu biwe bazoba basigaye, bavuye muri Ashuri+ no mu Misiri+ n’i Patirosi+ n’i Kushi+ n’i Elamu+ n’i Shinari+ n’i Hamati no mu mazinga y’ikiyaga+.
7 Kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Nimusemerere n’ijwi rirenga kuri Yakobo munezerewe, mwanirize akamo kw’isonga ry’amahanga+. Nimuvyamamaze+. Shemeze Imana, muvuge muti: ‘Ewe Yehova, kiza abantu bawe, amasigarira ya Isirayeli+.’
7 Uwacumbagira nzomugira amasigarira+, n’uwari yarirukaniwe kure ndamugire ihanga rikomeye+; kandi Yehova azobaganza ku musozi Siyoni, guhera ubu gushika igihe kitagira urugero+.
27 Vyongeye, Yesaya arasemerera ku vyerekeye Isirayeli ati: “Naho igitigiri ca bene Isirayeli coba nk’umusenyi w’ikiyaga+, amasigarira ni yo azokizwa+.