14 Maze nya nzige zitangura kuduga ku gihugu cose ca Misiri, zigwa ku karere kose ka Misiri+. Zari ubugesera+. Imbere yazo ntihari bwigere haboneka izimeze nka zo muri ubwo buryo, kandi ntihazokwigera haboneka izimeze nka zo muri ubwo buryo mu nyuma yazo.
14 “Kandi umuhungu wawe niyakubaza mu nyuma+ ati: ‘Ibi bisobanura iki?’, uze umubwire uti: ‘Inkomezi z’ukuboko ni zo Yehova yadukuje mu Misiri+, mu nzu y’abashumba+.