-
Ezekiyeli 3:20Bibiliya y’isi nshasha
-
-
20 Kandi umugororotsi niyahindukira akava mu bugororotsi bwiwe+, agakora koko ibigoramye, nanje nkabwirizwa gushira igitsitaza imbere yiwe+, we azopfa kubera yuko utamuburiye. Azopfa azize igicumuro ciwe+, kandi ibikorwa vyiwe vy’ubugororotsi yakoze ntibizokwibukwa+, mugabo amaraso yiwe nzoyishuza mu kuboko kwawe+.
-
-
Ezekiyeli 18:24Bibiliya y’isi nshasha
-
-
24 “‘Umugororotsi rero niyahindukira akava mu bugororotsi bwiwe, agakora koko ibigoramye+, akaguma akora ibihuye n’ibiteye ishishi vyose umubisha yakoze+, kandi akaba ari muzima, mu bikorwa vyiwe vyose vy’ubugororotsi yakoze nta na kimwe kizokwibukwa+. Kubera ubuhemu yagize no kubera igicumuro yacumuye, ni vyo azopfa azize+.
-