Yosuwa 7:1 Bibiliya y’isi nshasha 7 Nuko bene Isirayeli barahemuka ku bijanye n’ikintu co gutikizwa, kuko Akani+ mwene Karumi, Karumi wa Zabidi, Zabidi wa Zera, wo mu muryango wa Yuda, yatoye ku kintu co gutikizwa+. Ishavu rya Yehova rica rirurumbira bene Isirayeli+. 2 Abami 5:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Namani aca avuga ati: “Enda niwakire italanto zibiri.” Aguma amugobera+, amaherezo atekera italanto zibiri z’ifeza mu masaho abiri, hamwe n’impuzu zo gukuranya zibiri, hanyuma abiha babiri mu basuku biwe, kugira ngo babitware imbere ya Gehazi. Imigani 10:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Amatunga y’ababisha nta co azomara+, ariko ubugororotsi ni bwo buzorokora umuntu mu rupfu+. Amosi 3:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Ntibazi gukora ibigororotse+,” ni ko Yehova avuze, “abarunda ubukazi+ n’ubunyazi mu minara yabo yo kubamwo.”’ Yakobo 5:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Inzahabu n’ifeza vyanyu bimazwe n’ingese, kandi ingese yavyo izobabera nk’intahe ibagiriza kandi izorya inyama zanyu. Ikintu kimeze nk’umuriro+ ni co mwarundanije+ mu misi ya nyuma+.
7 Nuko bene Isirayeli barahemuka ku bijanye n’ikintu co gutikizwa, kuko Akani+ mwene Karumi, Karumi wa Zabidi, Zabidi wa Zera, wo mu muryango wa Yuda, yatoye ku kintu co gutikizwa+. Ishavu rya Yehova rica rirurumbira bene Isirayeli+.
23 Namani aca avuga ati: “Enda niwakire italanto zibiri.” Aguma amugobera+, amaherezo atekera italanto zibiri z’ifeza mu masaho abiri, hamwe n’impuzu zo gukuranya zibiri, hanyuma abiha babiri mu basuku biwe, kugira ngo babitware imbere ya Gehazi.
10 Ntibazi gukora ibigororotse+,” ni ko Yehova avuze, “abarunda ubukazi+ n’ubunyazi mu minara yabo yo kubamwo.”’
3 Inzahabu n’ifeza vyanyu bimazwe n’ingese, kandi ingese yavyo izobabera nk’intahe ibagiriza kandi izorya inyama zanyu. Ikintu kimeze nk’umuriro+ ni co mwarundanije+ mu misi ya nyuma+.