Abalewi 26:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Ninamara kubavunira inkoni zitungirwako imikate imeze nk’ikigōmbo+, abagore cumi bazokwotsa koko umukate wanyu mw’ifuru imwe itarenga, bawubagarukanire ku gipimo+; kandi kurya muzorya mugabo ntimuzohaga+. Ezekiyeli 4:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Abandanya kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, ehe muri Yeruzalemu ngira mvune inkoni zitungirwako imikate imeze nk’ikigōmbo+; bazobwirizwa kurya umukate ku gipimo kandi bari mu maganya+, banywe amazi ku ngero kandi bari n’ikinya+, Hoseya 4:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Bazorya koko, mugabo ntibazohaga+. Bazofata abagore nk’aho ari abamaraya; mugabo ntibazokwongerekana+, kuko baretse kwitaho Yehova ubwiwe+.
26 Ninamara kubavunira inkoni zitungirwako imikate imeze nk’ikigōmbo+, abagore cumi bazokwotsa koko umukate wanyu mw’ifuru imwe itarenga, bawubagarukanire ku gipimo+; kandi kurya muzorya mugabo ntimuzohaga+.
16 Abandanya kumbwira ati: “Mwana w’umuntu, ehe muri Yeruzalemu ngira mvune inkoni zitungirwako imikate imeze nk’ikigōmbo+; bazobwirizwa kurya umukate ku gipimo kandi bari mu maganya+, banywe amazi ku ngero kandi bari n’ikinya+,
10 Bazorya koko, mugabo ntibazohaga+. Bazofata abagore nk’aho ari abamaraya; mugabo ntibazokwongerekana+, kuko baretse kwitaho Yehova ubwiwe+.