2 Ngoma 18:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Mikaya abandanya kuvuga ati: “Nimwumve rero ijambo rya Yehova+: Ndabona koko Yehova yicaye ku ntebe y’ubwami yiwe+, n’ingabo zose+ zo mu majuru zihagaze iburyo bwiwe n’ibubamfu bwiwe+. Yobu 1:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Nuko umusi urashika, aho abana b’Imana y’ukuri+ binjira guhagarara imbere ya Yehova+, mbere na Shetani+ yinjira hagati muri bo+. Daniyeli 7:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Hari umugezi w’umuriro utemba uvuye imbere yiwe+. Hari ibihumbi igihumbi baguma bamukorera+, n’ibihumbi cumi kugwiza ibihumbi cumi baguma bahagaze imbere yiwe+. Sentare+ irasasa, ibitabu birazingururwa. Luka 1:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Nya mumarayika amwishura ati: “Ndi Gaburiyeli+, uwuhagarara imbere y’Imana hafi yayo, nkaba natumwe kuvugana+ nawe no kukumenyesha inkuru nziza y’ivyo bintu.
18 Mikaya abandanya kuvuga ati: “Nimwumve rero ijambo rya Yehova+: Ndabona koko Yehova yicaye ku ntebe y’ubwami yiwe+, n’ingabo zose+ zo mu majuru zihagaze iburyo bwiwe n’ibubamfu bwiwe+.
6 Nuko umusi urashika, aho abana b’Imana y’ukuri+ binjira guhagarara imbere ya Yehova+, mbere na Shetani+ yinjira hagati muri bo+.
10 Hari umugezi w’umuriro utemba uvuye imbere yiwe+. Hari ibihumbi igihumbi baguma bamukorera+, n’ibihumbi cumi kugwiza ibihumbi cumi baguma bahagaze imbere yiwe+. Sentare+ irasasa, ibitabu birazingururwa.
19 Nya mumarayika amwishura ati: “Ndi Gaburiyeli+, uwuhagarara imbere y’Imana hafi yayo, nkaba natumwe kuvugana+ nawe no kukumenyesha inkuru nziza y’ivyo bintu.