Yesaya 55:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Raba! Uzohamagara ihanga utazi+, kandi abo mw’ihanga batakumenye bazokwirukira+, kubera Yehova Imana yawe+, no ku bwa wa Mweranda wa Isirayeli+, kuko azoba yagusharije+. Yesaya 60:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Amahanga azogenda koko agana umuco wawe+, abami+ na bo bagende bagana ubukayangane bw’ukwaka kwawe+. Mika 4:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Amahanga menshi azogenda koko, avuge ati: “Nimuze+ tuduge ku musozi wa Yehova no ku nzu y’Imana ya Yakobo+; izotwigisha inzira zayo+, natwe tuzogendera mu minyuro yayo+.” Kuko i Siyoni hazova itegeko, n’i Yeruzalemu hakava ijambo rya Yehova+. Hagayi 2:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “‘Nzotigitisha amahanga yose, maze ibintu bihimbaye vyo mu mahanga yose bizoza ata kabuza+; nzokwuzuza iyi nzu ubuninahazwa+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze. Abagalatiya 3:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Icanditswe rero, kubera cabonye hakiri kare yuko Imana yokwise abanyamahanga abagororotsi bivuye ku kwizera, camenyesheje Aburahamu inkuru nziza imbere y’igihe, ari yo y’iyi: “Biciye kuri wewe amahanga yose azohezagirwa+.”
5 Raba! Uzohamagara ihanga utazi+, kandi abo mw’ihanga batakumenye bazokwirukira+, kubera Yehova Imana yawe+, no ku bwa wa Mweranda wa Isirayeli+, kuko azoba yagusharije+.
3 Amahanga azogenda koko agana umuco wawe+, abami+ na bo bagende bagana ubukayangane bw’ukwaka kwawe+.
2 Amahanga menshi azogenda koko, avuge ati: “Nimuze+ tuduge ku musozi wa Yehova no ku nzu y’Imana ya Yakobo+; izotwigisha inzira zayo+, natwe tuzogendera mu minyuro yayo+.” Kuko i Siyoni hazova itegeko, n’i Yeruzalemu hakava ijambo rya Yehova+.
7 “‘Nzotigitisha amahanga yose, maze ibintu bihimbaye vyo mu mahanga yose bizoza ata kabuza+; nzokwuzuza iyi nzu ubuninahazwa+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.
8 Icanditswe rero, kubera cabonye hakiri kare yuko Imana yokwise abanyamahanga abagororotsi bivuye ku kwizera, camenyesheje Aburahamu inkuru nziza imbere y’igihe, ari yo y’iyi: “Biciye kuri wewe amahanga yose azohezagirwa+.”