Matayo 14:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kuko Herodi yari yafashe Yohani aramuboha, amuta mw’ibohero kubera Herodiya muka Filipo mwene wabo+. Mariko 1:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Yohani amaze gufatwa, Yezu aja i Galilaya+, yamamaza inkuru nziza y’Imana+, Mariko 6:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Kuko Herodi ubwiwe yari yatumye ngo bafate Yohani hanyuma amubohera mw’ibohero kubera Herodiya muka Filipo mwene wabo, kuko Herodi yari yamwabiriye+. Luka 3:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 yongerako n’iki kintu kuri ivyo vyose: yugaranira Yohani mw’ibohero+.
3 Kuko Herodi yari yafashe Yohani aramuboha, amuta mw’ibohero kubera Herodiya muka Filipo mwene wabo+.
17 Kuko Herodi ubwiwe yari yatumye ngo bafate Yohani hanyuma amubohera mw’ibohero kubera Herodiya muka Filipo mwene wabo, kuko Herodi yari yamwabiriye+.