Matayo 9:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Maze akora ku maso yabo+, avuga ati: “Nibibabere nk’uko mwizeye.” Matayo 15:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Maze Yezu amwishura ati: “Ewe mugore, ukwizera kwawe ni kwinshi; nibikubere nk’uko ushaka.” Buno nya mukobwa wiwe akira guhera kuri iyo saha+. Mariko 9:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Yezu amubwira ati: “Ugize ngo: ‘Nimba ushobora’! Erega vyose birashoboka ku wizeye+.” Luka 7:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Nuko abari barungitswe, aho bagarukiye kuri nya nzu, basanga wa mushumba afise amagara meza+.
28 Maze Yezu amwishura ati: “Ewe mugore, ukwizera kwawe ni kwinshi; nibikubere nk’uko ushaka.” Buno nya mukobwa wiwe akira guhera kuri iyo saha+.