ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Mariko 2:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Mu nyuma, Yezu yari ku meza mu nzu y’uwo, kandi abatozakori+ n’abacumuzi benshi bari bicaranye na we be n’abigishwa biwe, kuko bari bahari ari benshi hanyuma batangura kumukurikira+.

  • Mariko 2:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Mugabo abanditsi b’Abafarizayo* babonye ko ariko asangira n’abacumuzi be n’abatozakori, batangura kubwira abigishwa biwe bati: “Mbega arasangira n’abatozakori be n’abacumuzi+?”

  • Luka 5:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Abafarizayo n’abanditsi babo baca batangura kwidodombera abigishwa biwe, bavuga bati: “Kubera iki musangira ibiribwa n’ibinyobwa n’abatozakori be n’abacumuzi+?”

  • Luka 7:39
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 39 Wa Mufarizayo yamutumiye abibonye yibwira muri we ati: “Uyu muntu iyo aba ari umuhanuzi+, yari kumenya uwu mugore ariko aramukorako uwo ari we be n’ingene ameze, yuko ari umucumuzi+.”

  • Luka 15:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Ku bw’ivyo, Abafarizayo n’abanditsi baguma bavugira mu ntamatama, bati: “Uyu muntu aha ikaze abacumuzi kandi agasangira na bo+.”

  • Luka 19:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Mugabo babibonye, batangura kuvugira mu ntamatama bose+ bati: “Ku muntu w’umucumuzi ni ho yinjiye kurara.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika