Malaki 2:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Namwe mwavuze muti: ‘Kubera iki+?’ Ni kubera iyi mvo: Yehova ubwiwe yarashinze intahe hagati yawe n’umugore wo mu buto bwawe+, uwo wahemukiye, naho ari we mugenzi wawe akaba n’umugore w’isezerano ryawe+. Matayo 5:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Ariko jewe ndababwiye ko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi+, aba atumye uwo mugore ashobora kurenga ibigo+, kandi uwo wese yabiriye umugore yirukanywe aba arenze ibigo+. Mariko 10:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Na we ababwira ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba arenze ibigo+ ku vyerekeye nya mugore, Luka 16:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 “Umuntu wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba arenze ibigo, kandi uwurongoye umugore yirukanywe n’umugabo, aba arenze ibigo+. Abaroma 7:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Igihe rero umugabo wiwe akiriho, yokwitwa uwurenga ibigo hamwe yotwarwa n’uwundi mugabo+. Ariko iyo umugabo wiwe apfuye, aba akuweko itegeko ry’umugabo, ntabe abaye uwurenga ibigo igihe atwawe n’uwundi mugabo+. 1 Abakorinto 7:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Abubatse ndabaha aya mabwirizwa, yamara si jewe ahubwo ni Umukama+, yuko umugore atovana n’umugabo wiwe+; Abaheburayo 13:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana+, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo+.
14 Namwe mwavuze muti: ‘Kubera iki+?’ Ni kubera iyi mvo: Yehova ubwiwe yarashinze intahe hagati yawe n’umugore wo mu buto bwawe+, uwo wahemukiye, naho ari we mugenzi wawe akaba n’umugore w’isezerano ryawe+.
32 Ariko jewe ndababwiye ko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi+, aba atumye uwo mugore ashobora kurenga ibigo+, kandi uwo wese yabiriye umugore yirukanywe aba arenze ibigo+.
11 Na we ababwira ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba arenze ibigo+ ku vyerekeye nya mugore,
18 “Umuntu wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba arenze ibigo, kandi uwurongoye umugore yirukanywe n’umugabo, aba arenze ibigo+.
3 Igihe rero umugabo wiwe akiriho, yokwitwa uwurenga ibigo hamwe yotwarwa n’uwundi mugabo+. Ariko iyo umugabo wiwe apfuye, aba akuweko itegeko ry’umugabo, ntabe abaye uwurenga ibigo igihe atwawe n’uwundi mugabo+.
10 Abubatse ndabaha aya mabwirizwa, yamara si jewe ahubwo ni Umukama+, yuko umugore atovana n’umugabo wiwe+;
4 Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana+, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo+.