ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Malaki 2:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Namwe mwavuze muti: ‘Kubera iki+?’ Ni kubera iyi mvo: Yehova ubwiwe yarashinze intahe hagati yawe n’umugore wo mu buto bwawe+, uwo wahemukiye, naho ari we mugenzi wawe akaba n’umugore w’isezerano ryawe+.

  • Matayo 5:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Ariko jewe ndababwiye ko umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi+, aba atumye uwo mugore ashobora kurenga ibigo+, kandi uwo wese yabiriye umugore yirukanywe aba arenze ibigo+.

  • Mariko 10:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Na we ababwira ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba arenze ibigo+ ku vyerekeye nya mugore,

  • Luka 16:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 “Umuntu wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba arenze ibigo, kandi uwurongoye umugore yirukanywe n’umugabo, aba arenze ibigo+.

  • Abaroma 7:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Igihe rero umugabo wiwe akiriho, yokwitwa uwurenga ibigo hamwe yotwarwa n’uwundi mugabo+. Ariko iyo umugabo wiwe apfuye, aba akuweko itegeko ry’umugabo, ntabe abaye uwurenga ibigo igihe atwawe n’uwundi mugabo+.

  • 1 Abakorinto 7:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Abubatse ndabaha aya mabwirizwa, yamara si jewe ahubwo ni Umukama+, yuko umugore atovana n’umugabo wiwe+;

  • Abaheburayo 13:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana+, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika