Abalewi 18:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 “‘Ubwambure bw’umugore wa mwene wanyu+ ntuze ubupfukure. Ni ubwambure bwa mwene wanyu. Abalewi 20:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Aho umugabo atwaye umugore wa mwene wabo, ni ikintu co kuzinukwa+. Aba apfukuye ubwambure bwa mwene wabo. Nta kana bazogira. Matayo 14:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Kuko Yohani yari yahoze amubwira ati: “Ntivyemewe ko umutwara+.” Abaheburayo 13:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana+, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo+.
21 Aho umugabo atwaye umugore wa mwene wabo, ni ikintu co kuzinukwa+. Aba apfukuye ubwambure bwa mwene wabo. Nta kana bazogira.
4 Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana+, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi n’abarenga ibigo+.