19 Maze ategeka nya masinzi kugandagaza ku vyatsi, hanyuma afata ya mikate itanu na za fi zibiri, arangamiza mw’ijuru, arabihezagira+, hanyuma amaze kumanyagura ya mikate, ayihereza abigishwa, abigishwa na bo bayigaburira nya masinzi+.
10 Yezu avuga ati: “Nimwicarike aba bantu nko mu gihe co gufungura+.” Kandi aho hantu hari ivyatsi vyinshi. Nya bantu rero baricara, bakaba bari nk’ibihumbi bitanu+.