Yobu 31:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Nimba nagize inzahabu umwizero wanje,Canke nkabwira inzahabu nti: ‘Ni wewe mizero yanje+!’ Zaburi 17:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Ubukize abantu ukoresheje ukuboko kwawe, ewe Yehova+!Ubukize abantu b’iki gihe+, abo umuturi wabo uri muri ubu buzima+,N’inda yabo ukayuzuza itunga ryawe ryahishijwe+,Abahagijwe abahungu+Kandi bakarundira abana babo ibisigi vyabo+. Zaburi 52:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ng’uyu umuntu w’umugabo atagira Imana iboma ryiwe+,Mugabo akizigira ubwinshi bw’ubutunzi bwiwe+,Akugama mu marushwa ateza+. Zaburi 62:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Ntimwizigire ubugunge+,Canke ngo mube imburakimazi mu kwizigira ubwambuzi+.Ibibeshaho umuntu nivyagwira, ntimubishireko umutima+. Yeremiya 9:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Inkerebutsi ntiyiyemere kubera ubukerebutsi bwayo+, n’umunyenkomezi ntiyiyemere kubera inkomezi ziwe+. Umutunzi ntiyiyemere kubera ubutunzi bwiwe+.” 1 Timoteyo 6:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Tegeka abatunzi+ bo muri iki gihe* kutihambaza+, no kudashingira icizigiro cabo ku butunzi butari ubwo kwizigirwa+, mugabo bagishingire ku Mana, yo ituronsa ku bwinshi ibintu vyose kugira ngo tubinezererwe+;
14 Ubukize abantu ukoresheje ukuboko kwawe, ewe Yehova+!Ubukize abantu b’iki gihe+, abo umuturi wabo uri muri ubu buzima+,N’inda yabo ukayuzuza itunga ryawe ryahishijwe+,Abahagijwe abahungu+Kandi bakarundira abana babo ibisigi vyabo+.
7 Ng’uyu umuntu w’umugabo atagira Imana iboma ryiwe+,Mugabo akizigira ubwinshi bw’ubutunzi bwiwe+,Akugama mu marushwa ateza+.
10 Ntimwizigire ubugunge+,Canke ngo mube imburakimazi mu kwizigira ubwambuzi+.Ibibeshaho umuntu nivyagwira, ntimubishireko umutima+.
23 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Inkerebutsi ntiyiyemere kubera ubukerebutsi bwayo+, n’umunyenkomezi ntiyiyemere kubera inkomezi ziwe+. Umutunzi ntiyiyemere kubera ubutunzi bwiwe+.”
17 Tegeka abatunzi+ bo muri iki gihe* kutihambaza+, no kudashingira icizigiro cabo ku butunzi butari ubwo kwizigirwa+, mugabo bagishingire ku Mana, yo ituronsa ku bwinshi ibintu vyose kugira ngo tubinezererwe+;