ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yobu 31:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Nimba nagize inzahabu umwizero wanje,

      Canke nkabwira inzahabu nti: ‘Ni wewe mizero yanje+!’

  • Zaburi 17:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Ubukize abantu ukoresheje ukuboko kwawe, ewe Yehova+!

      Ubukize abantu b’iki gihe+, abo umuturi wabo uri muri ubu buzima+,

      N’inda yabo ukayuzuza itunga ryawe ryahishijwe+,

      Abahagijwe abahungu+

      Kandi bakarundira abana babo ibisigi vyabo+.

  • Zaburi 52:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Ng’uyu umuntu w’umugabo atagira Imana iboma ryiwe+,

      Mugabo akizigira ubwinshi bw’ubutunzi bwiwe+,

      Akugama mu marushwa ateza+.

  • Zaburi 62:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ntimwizigire ubugunge+,

      Canke ngo mube imburakimazi mu kwizigira ubwambuzi+.

      Ibibeshaho umuntu nivyagwira, ntimubishireko umutima+.

  • Yeremiya 9:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Inkerebutsi ntiyiyemere kubera ubukerebutsi bwayo+, n’umunyenkomezi ntiyiyemere kubera inkomezi ziwe+. Umutunzi ntiyiyemere kubera ubutunzi bwiwe+.”

  • 1 Timoteyo 6:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Tegeka abatunzi+ bo muri iki gihe* kutihambaza+, no kudashingira icizigiro cabo ku butunzi butari ubwo kwizigirwa+, mugabo bagishingire ku Mana, yo ituronsa ku bwinshi ibintu vyose kugira ngo tubinezererwe+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika