Imigani 26:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Ntukishure ikijuju nk’uko ubupfu bwaco buri, kugira nawe ubwawe ntube nka co+. Matayo 7:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 “Ibintu vyeranda ntimukabihe imbwa+, n’imaragarita zanyu ntimukaziterere imbere y’ingurube, kugira ntizihave zizihonyangira+ munsi y’ibinono vyazo hanyuma zigahindukira zikabakakagura. Matayo 21:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Nuko bishura Yezu bati: “Nta vyo tuzi.” Na we ababwira ati: “Nanje sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo+. Luka 20:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Yezu na we ababwira ati: “Nanje sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo+.”
6 “Ibintu vyeranda ntimukabihe imbwa+, n’imaragarita zanyu ntimukaziterere imbere y’ingurube, kugira ntizihave zizihonyangira+ munsi y’ibinono vyazo hanyuma zigahindukira zikabakakagura.
27 Nuko bishura Yezu bati: “Nta vyo tuzi.” Na we ababwira ati: “Nanje sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo+.