ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 113:1-118:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 113 Shemeze Ya+!

      Nimushikane ishemezo, yemwe basavyi ba Yehova+,

      Mushemeze izina rya Yehova+.

       2 Izina rya Yehova riragahezagirwa+

      Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.

       3 Kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera+,

      Izina rya Yehova ni iryo gushemezwa+.

       4 Yehova acitse uwuri hejuru cane y’amahanga yose+;

      Ubuninahazwa bwiwe buri hejuru y’amajuru+.

       5 Ni nde ameze nka Yehova Imana yacu+,

      We yibera iyo hejuru+?

       6 Arimanura ngo yitegereze ijuru n’isi+,

       7 Akaduza umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu+;

      Ashira hejuru umworo amukuye mu kinogo c’umunyota+,

       8 Kugira amwicarike hamwe n’abanyacubahiro+,

      Hamwe n’abanyacubahiro bo mu bantu biwe+.

       9 Aha umugore w’ingumba kwibera mu nzu+

      Ari nyina w’abana anezerewe+.

      Shemeze Ya+!

      114 Igihe Isirayeli yasohoka ikava mu Misiri+,

      Inzu ya Yakobo ikava mu gisata c’abantu kivuga ibitumvikana+,

       2 Yuda yacitse ahantu heranda hiwe+,

      Isirayeli icika inganji ihambaye yiwe+.

       3 Ikiyaga ubwaco carabibonye kirahunga+;

      Nayo Yorodani, itangura gusubira inyuma+.

       4 Imisozi ubwayo yarikinye amatavu nk’impfizi z’intama+,

      Imirambi na yo nk’imyagazi y’intama.

       5 Vyagenze gute ngo uhunge, ga wa kiyaga+?

      Ewe Yorodani, vyagenze gute ngo usubire inyuma+?

       6 Emwe misozi, vyagenze gute ngo mwikine amatavu nk’impfizi z’intama+,

      Emwe mirambi, ngo mwikine amatavu nk’imyagazi y’intama+?

       7 Kubera Umukama, nugire ububabare bukaze, wa si we+,

      Kubera Imana ya Yakobo,

       8 Imwe ihindura igitandara ikidengeri c’amazi cuzuyeko amarenga+,

      Igitandara c’isare ikagihindura imbizi y’amazi+.

      115 Twebwe nta co dufise, ewe Yehova, twebwe nta co dufise+,

      Mugabo nuhe izina ryawe ubuninahazwa+

      Nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri, nk’uko ukuri kwawe kuri+.

       2 Kubera iki amahanga yovuga ngo+:

      “None Imana yabo iri hehe+?”

       3 Mugabo Imana yacu iri mu majuru+;

      Ivyo yahimbawe no gukora vyose, yarabikoze+.

       4 Ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu+,

      Igikorwa c’amaboko y’umuntu yakuwe mw’ivu+.

       5 Umunwa birafise, mugabo ntibishobora kuvuga+;

      Amaso birafise, mugabo ntibishobora kubona+;

       6 Amatwi birafise, mugabo ntibishobora kwumva+.

      Izuru birafise, mugabo ntibishobora kumoterwa+.

       7 Amaboko biri na yo, mugabo ntibishobora gukorakora+.

      Ibirenge biri na vyo, mugabo ntibishobora gutambuka+;

      Nta jwi bisohora n’umuhogo wavyo+.

       8 Ababikora bazomera nka vyo+,

      Egome, abo bose bavyizigira+.

       9 Ewe Isirayeli, niwizigire Yehova+;

      Ni we mutabazi wabo n’inkinzo yabo+.

      10 Ewe nzu ya Aroni, nimushire ivyizigiro vyanyu muri Yehova+;

      Ni we mutabazi wabo n’inkinzo yabo+.

      11 Mwebwe abatinya Yehova, nimwizigire Yehova+;

      Ni we mutabazi wabo n’inkinzo yabo+.

      12 Yehova ubwiwe yatwibutse; azohezagira+,

      Azohezagira inzu ya Isirayeli+,

      Azohezagira inzu ya Aroni+.

      13 Yehova azohezagira abamutinya+,

      Abato n’abahambaye+.

      14 Yehova azobaha iyongerekana+,

      Mwebwe n’abana banyu+.

      15 Muri abahezagiwe na Yehova+,

      Wa Muhinguzi w’ijuru n’isi+.

      16 Ku biraba amajuru, amajuru ni aya Yehova+,

      Mugabo isi yayihaye abana b’abantu+.

      17 Abapfuye ubwabo ntibashemeza Ya+,

      Habe n’umwe mu bamanuka baja ahantu h’agacerere+.

      18 Mugabo twebwe tuzohezagira Ya+

      Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.

      Shemeze Ya+!

      116 Nduzura urukundo, kuko Yehova yumva+

      Ijwi ryanje, ukwinginga kwanje+.

       2 Kuko yanteze ugutwi+,

      Kandi mu misi yanje yose, nzohamagara+.

       3 Imigozi y’urupfu yarankikuje+,

      Amarushwa y’ukuzimu yaranshikiriye+.

      Naguma nshikirwa n’amarushwa be n’intuntu+.

       4 Mugabo nambaje izina rya Yehova+ nti:

      “Aaa! Yehova we, kiza ubuzima bwanje+!”

       5 Yehova ni umunyempuhwe n’umugororotsi+;

      Kandi Imana yacu ni Imana igira imbabazi+.

       6 Yehova ararinda abantu batazi utuntu n’utundi+.

      Nari nifumbereje, na we arankiza+.

       7 Mutima wanje, subira ahantu hawe h’ukuruhukira+,

      Kuko Yehova ubwiwe yagukoreye ibibereye+.

       8 Kuko watabaye ubuzima bwanje ukabukiza urupfu+,

      Ijisho ryanje ukarikiza amosozi, ikirenge canje ukagikiza gutsitara+.

       9 Nzogendera+ imbere ya Yehova mu bihugu vy’abazima+.

      10 Narizeye+, kuko navuze+.

      Jewe nari mu marushwa menshi.

      11 Jewe, igihe nari nataye umutwe, navuze+ nti:

      “Umuntu wese ni umubeshi+.”

      12 Nzokwishura iki Yehova+

      Ku vyiza vyose angirira+?

      13 Nzotora igikombe c’ubukiriro buhambaye+,

      Kandi nzokwambaza izina rya Yehova+.

      14 Nzoshitsa indagano zanje kuri Yehova+,

      Egome, imbere y’abantu biwe bose.

      15 Urupfu rw’intahemuka za Yehova

      Ni urw’agaciro mu maso yiwe+.

      16 Aaa! Ewe Yehova+,

      Erega ndi umusavyi wawe+.

      Ndi umusavyi wawe, umwana w’umushumbakazi wawe+.

      Watekuruye imizana yanje+.

      17 Nzogushikanira ikimazi c’ugukenguruka+,

      Kandi nzokwambaza izina rya Yehova+.

      18 Nzoshitsa indagano zanje kuri Yehova+,

      Egome, imbere y’abantu biwe bose+,

      19 Mu bigo vy’inzu ya Yehova+,

      Hagati muri wewe, ewe Yeruzalemu+!

      Shemeze Ya+!

      117 Shemeze Yehova, mwa mahanga mwese+;

      Nimumukeze, yemwe miryango mwese+!

       2 Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe bwabaye ubw’inkomezi kuri twebwe+;

      Kandi ukuri+ kwa Yehova ni ukwo gushika igihe kitagira urugero.

      Shemeze Ya+!

      118 Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza+;

      Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.

       2 Isirayeli navuge ubu ati:

      “Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.”

       3 Ab’inzu ya Aroni nibavuge ubu+ bati:

      “Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.”

       4 Abatinya Yehova nibavuge ubu+ bati:

      “Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.”

       5 Nambaje Ya ndi mu marushwa+;

      Ya yarishuye, anshira ahantu hagutse+.

       6 Yehova ari ku ruhande rwanje; sinzotinya+.

      Umuntu yakuwe mw’ivu yongira iki+?

       7 Yehova ari ku ruhande rwanje hagati y’abamfasha+,

      Ku buryo jewe nzokwitegereza abanyanka+.

       8 Ni vyiza guhungira muri Yehova+

      Kuruta kwizigira umuntu yakuwe mw’ivu+.

       9 Ni vyiza guhungira muri Yehova+

      Kuruta kwizigira abanyacubahiro+.

      10 Amahanga yose yarankikuje+.

      Mw’izina rya Yehova ni ho nabagumiza kure+.

      11 Barankikuje, egome, bari bankikuje+.

      Mw’izina rya Yehova ni ho nabagumiza kure.

      12 Bankikuje nk’inzuki+;

      Bazimijwe nk’umuriro w’ibisaka vy’amahwa+.

      Mw’izina rya Yehova ni ho nabagumiza kure+.

      13 Waransunuye ngo ntembe+,

      Mugabo Yehova ubwiwe yarantabaye+.

      14 Ya ni ubwugamo bwanje n’ubushobozi bwanje+,

      Kandi ambera ubukiriro+.

      15 Ijwi ry’akamo k’umunezero n’ubukiriro+

      Riri mu mahema+ y’abagororotsi+.

      Ukuryo kwa Yehova kurerekana inkomezi+.

      16 Ukuryo kwa Yehova kurishira hejuru+;

      Ukuryo kwa Yehova kurerekana inkomezi+.

      17 Sinzopfa, ahubwo nzobandanya kubaho+,

      Ngo menyeshe ibikorwa vya Ya+.

      18 Ya yarankosoye bimwe bikaze+,

      Mugabo ntiyangabuye ku rupfu+.

      19 Nimunyugururire amarembo y’ubugororotsi+.

      Nzoyinjiramwo; nzohaya Ya+.

      20 Iri ni ryo rembo rya Yehova+.

      Abagororotsi ni bo bazoryinjiramwo+.

      21 Nzoguhaya, kuko wanyishuye+

      Ukaba ubukiriro bwanje+.

      22 Ibuye abubatsi bataye+

      Ni ryo ribaye umutwe w’imfuruka+.

      23 Ivyo vyavuye kuri Yehova ubwiwe+;

      Ni agatangaza mu maso yacu+.

      24 Uyu ni umusi Yehova yashizeho+;

      Tuzonezerwa duhimbarwe kuri wo+.

      25 Aaa! None rero Yehova, enda nukize+!

      Aaa! None rero Yehova, enda nutange ukuroranirwa+!

      26 Hahezagirwe uwuje mw’izina rya Yehova+;

      Twarabahezagiye turi mu nzu ya Yehova+.

      27 Yehova ni we Nyenubumana+,

      Kandi araduha umuco+.

      Nimugire urugendo rw’umusi mukuru+ mufise amashami+,

      Gushika ku mahembe y’igicaniro+.

      28 Uri Imana yanje, kandi nzoguhaya+;

      Uri Imana yanje, nzogushira hejuru+.

      29 Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza+;

      Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika