113 Shemeze Ya+!
Nimushikane ishemezo, yemwe basavyi ba Yehova+,
Mushemeze izina rya Yehova+.
2 Izina rya Yehova riragahezagirwa+
Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.
3 Kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera+,
Izina rya Yehova ni iryo gushemezwa+.
4 Yehova acitse uwuri hejuru cane y’amahanga yose+;
Ubuninahazwa bwiwe buri hejuru y’amajuru+.
5 Ni nde ameze nka Yehova Imana yacu+,
We yibera iyo hejuru+?
6 Arimanura ngo yitegereze ijuru n’isi+,
7 Akaduza umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu+;
Ashira hejuru umworo amukuye mu kinogo c’umunyota+,
8 Kugira amwicarike hamwe n’abanyacubahiro+,
Hamwe n’abanyacubahiro bo mu bantu biwe+.
9 Aha umugore w’ingumba kwibera mu nzu+
Ari nyina w’abana anezerewe+.
Shemeze Ya+!
114 Igihe Isirayeli yasohoka ikava mu Misiri+,
Inzu ya Yakobo ikava mu gisata c’abantu kivuga ibitumvikana+,
2 Yuda yacitse ahantu heranda hiwe+,
Isirayeli icika inganji ihambaye yiwe+.
3 Ikiyaga ubwaco carabibonye kirahunga+;
Nayo Yorodani, itangura gusubira inyuma+.
4 Imisozi ubwayo yarikinye amatavu nk’impfizi z’intama+,
Imirambi na yo nk’imyagazi y’intama.
5 Vyagenze gute ngo uhunge, ga wa kiyaga+?
Ewe Yorodani, vyagenze gute ngo usubire inyuma+?
6 Emwe misozi, vyagenze gute ngo mwikine amatavu nk’impfizi z’intama+,
Emwe mirambi, ngo mwikine amatavu nk’imyagazi y’intama+?
7 Kubera Umukama, nugire ububabare bukaze, wa si we+,
Kubera Imana ya Yakobo,
8 Imwe ihindura igitandara ikidengeri c’amazi cuzuyeko amarenga+,
Igitandara c’isare ikagihindura imbizi y’amazi+.
115 Twebwe nta co dufise, ewe Yehova, twebwe nta co dufise+,
Mugabo nuhe izina ryawe ubuninahazwa+
Nk’uko ubuntu bwuzuye urukundo bwawe buri, nk’uko ukuri kwawe kuri+.
2 Kubera iki amahanga yovuga ngo+:
“None Imana yabo iri hehe+?”
3 Mugabo Imana yacu iri mu majuru+;
Ivyo yahimbawe no gukora vyose, yarabikoze+.
4 Ibigirwamana vyabo ni ifeza n’inzahabu+,
Igikorwa c’amaboko y’umuntu yakuwe mw’ivu+.
5 Umunwa birafise, mugabo ntibishobora kuvuga+;
Amaso birafise, mugabo ntibishobora kubona+;
6 Amatwi birafise, mugabo ntibishobora kwumva+.
Izuru birafise, mugabo ntibishobora kumoterwa+.
7 Amaboko biri na yo, mugabo ntibishobora gukorakora+.
Ibirenge biri na vyo, mugabo ntibishobora gutambuka+;
Nta jwi bisohora n’umuhogo wavyo+.
8 Ababikora bazomera nka vyo+,
Egome, abo bose bavyizigira+.
9 Ewe Isirayeli, niwizigire Yehova+;
Ni we mutabazi wabo n’inkinzo yabo+.
10 Ewe nzu ya Aroni, nimushire ivyizigiro vyanyu muri Yehova+;
Ni we mutabazi wabo n’inkinzo yabo+.
11 Mwebwe abatinya Yehova, nimwizigire Yehova+;
Ni we mutabazi wabo n’inkinzo yabo+.
12 Yehova ubwiwe yatwibutse; azohezagira+,
Azohezagira inzu ya Isirayeli+,
Azohezagira inzu ya Aroni+.
13 Yehova azohezagira abamutinya+,
Abato n’abahambaye+.
14 Yehova azobaha iyongerekana+,
Mwebwe n’abana banyu+.
15 Muri abahezagiwe na Yehova+,
Wa Muhinguzi w’ijuru n’isi+.
16 Ku biraba amajuru, amajuru ni aya Yehova+,
Mugabo isi yayihaye abana b’abantu+.
17 Abapfuye ubwabo ntibashemeza Ya+,
Habe n’umwe mu bamanuka baja ahantu h’agacerere+.
18 Mugabo twebwe tuzohezagira Ya+
Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+.
Shemeze Ya+!
116 Nduzura urukundo, kuko Yehova yumva+
Ijwi ryanje, ukwinginga kwanje+.
2 Kuko yanteze ugutwi+,
Kandi mu misi yanje yose, nzohamagara+.
3 Imigozi y’urupfu yarankikuje+,
Amarushwa y’ukuzimu yaranshikiriye+.
Naguma nshikirwa n’amarushwa be n’intuntu+.
4 Mugabo nambaje izina rya Yehova+ nti:
“Aaa! Yehova we, kiza ubuzima bwanje+!”
5 Yehova ni umunyempuhwe n’umugororotsi+;
Kandi Imana yacu ni Imana igira imbabazi+.
6 Yehova ararinda abantu batazi utuntu n’utundi+.
Nari nifumbereje, na we arankiza+.
7 Mutima wanje, subira ahantu hawe h’ukuruhukira+,
Kuko Yehova ubwiwe yagukoreye ibibereye+.
8 Kuko watabaye ubuzima bwanje ukabukiza urupfu+,
Ijisho ryanje ukarikiza amosozi, ikirenge canje ukagikiza gutsitara+.
9 Nzogendera+ imbere ya Yehova mu bihugu vy’abazima+.
10 Narizeye+, kuko navuze+.
Jewe nari mu marushwa menshi.
11 Jewe, igihe nari nataye umutwe, navuze+ nti:
“Umuntu wese ni umubeshi+.”
12 Nzokwishura iki Yehova+
Ku vyiza vyose angirira+?
13 Nzotora igikombe c’ubukiriro buhambaye+,
Kandi nzokwambaza izina rya Yehova+.
14 Nzoshitsa indagano zanje kuri Yehova+,
Egome, imbere y’abantu biwe bose.
15 Urupfu rw’intahemuka za Yehova
Ni urw’agaciro mu maso yiwe+.
16 Aaa! Ewe Yehova+,
Erega ndi umusavyi wawe+.
Ndi umusavyi wawe, umwana w’umushumbakazi wawe+.
Watekuruye imizana yanje+.
17 Nzogushikanira ikimazi c’ugukenguruka+,
Kandi nzokwambaza izina rya Yehova+.
18 Nzoshitsa indagano zanje kuri Yehova+,
Egome, imbere y’abantu biwe bose+,
19 Mu bigo vy’inzu ya Yehova+,
Hagati muri wewe, ewe Yeruzalemu+!
Shemeze Ya+!
117 Shemeze Yehova, mwa mahanga mwese+;
Nimumukeze, yemwe miryango mwese+!
2 Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe bwabaye ubw’inkomezi kuri twebwe+;
Kandi ukuri+ kwa Yehova ni ukwo gushika igihe kitagira urugero.
Shemeze Ya+!
118 Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza+;
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.
2 Isirayeli navuge ubu ati:
“Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.”
3 Ab’inzu ya Aroni nibavuge ubu+ bati:
“Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.”
4 Abatinya Yehova nibavuge ubu+ bati:
“Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.”
5 Nambaje Ya ndi mu marushwa+;
Ya yarishuye, anshira ahantu hagutse+.
6 Yehova ari ku ruhande rwanje; sinzotinya+.
Umuntu yakuwe mw’ivu yongira iki+?
7 Yehova ari ku ruhande rwanje hagati y’abamfasha+,
Ku buryo jewe nzokwitegereza abanyanka+.
8 Ni vyiza guhungira muri Yehova+
Kuruta kwizigira umuntu yakuwe mw’ivu+.
9 Ni vyiza guhungira muri Yehova+
Kuruta kwizigira abanyacubahiro+.
10 Amahanga yose yarankikuje+.
Mw’izina rya Yehova ni ho nabagumiza kure+.
11 Barankikuje, egome, bari bankikuje+.
Mw’izina rya Yehova ni ho nabagumiza kure.
12 Bankikuje nk’inzuki+;
Bazimijwe nk’umuriro w’ibisaka vy’amahwa+.
Mw’izina rya Yehova ni ho nabagumiza kure+.
13 Waransunuye ngo ntembe+,
Mugabo Yehova ubwiwe yarantabaye+.
14 Ya ni ubwugamo bwanje n’ubushobozi bwanje+,
Kandi ambera ubukiriro+.
15 Ijwi ry’akamo k’umunezero n’ubukiriro+
Riri mu mahema+ y’abagororotsi+.
Ukuryo kwa Yehova kurerekana inkomezi+.
16 Ukuryo kwa Yehova kurishira hejuru+;
Ukuryo kwa Yehova kurerekana inkomezi+.
17 Sinzopfa, ahubwo nzobandanya kubaho+,
Ngo menyeshe ibikorwa vya Ya+.
18 Ya yarankosoye bimwe bikaze+,
Mugabo ntiyangabuye ku rupfu+.
19 Nimunyugururire amarembo y’ubugororotsi+.
Nzoyinjiramwo; nzohaya Ya+.
20 Iri ni ryo rembo rya Yehova+.
Abagororotsi ni bo bazoryinjiramwo+.
21 Nzoguhaya, kuko wanyishuye+
Ukaba ubukiriro bwanje+.
22 Ibuye abubatsi bataye+
Ni ryo ribaye umutwe w’imfuruka+.
23 Ivyo vyavuye kuri Yehova ubwiwe+;
Ni agatangaza mu maso yacu+.
24 Uyu ni umusi Yehova yashizeho+;
Tuzonezerwa duhimbarwe kuri wo+.
25 Aaa! None rero Yehova, enda nukize+!
Aaa! None rero Yehova, enda nutange ukuroranirwa+!
26 Hahezagirwe uwuje mw’izina rya Yehova+;
Twarabahezagiye turi mu nzu ya Yehova+.
27 Yehova ni we Nyenubumana+,
Kandi araduha umuco+.
Nimugire urugendo rw’umusi mukuru+ mufise amashami+,
Gushika ku mahembe y’igicaniro+.
28 Uri Imana yanje, kandi nzoguhaya+;
Uri Imana yanje, nzogushira hejuru+.
29 Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza+;
Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+.