Imigani 11:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Ukwita imbere kwaje? Agateterwe kazoza rero+; mugabo ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto+. Matayo 26:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 Ariko Petero amwishura ati: “Naho abandi bose botsitazwa n’ivyawe, jeho sinzokwigera ntsitara+!” Luka 22:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 Maze amubwira ati: “Mukama, nditeguye kujana nawe mw’ibohero no mu rupfu+.” Yohani 13:37 Bibiliya y’isi nshasha 37 Petero amubwira ati: “Mukama, kubera iki ntashobora kugukurikira ubu? Nzokwigura+.”