Yesaya 44:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kuko nzosuka amazi ku wunyotewe+, n’imigezi ishororoka ndayisuke ahantu humye+. Nzosuka impwemu yanje ku ruvyaro rwawe+, n’umuhezagiro wanje ku bamuka kuri wewe. Yoweli 2:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 “Kandi inyuma y’ivyo, uku ni ko bitegerezwa kuba: nzosuka impwemu yanje+ ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose+, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu+ bazovuga koko ubuhanuzi. Abatama banyu bazorota indoto. N’abasore banyu bazobona ivyo beretswe. Luka 3:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Yohani arishura, abwira bose ati: “Jeho ndababatirisha amazi; mugabo uwukomeye kundusha ariko araza, kandi umugozi w’inkweto* ziwe ntibimbereye kuwupfundurura+. Azobabatirisha impwemu nyeranda n’umuriro+. Ivyakozwe 2:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 bose buzuzwa impwemu nyeranda+, batangura kuvuga mu zindi ndimi+ nk’uko nya mpwemu yabaha kuvuga. Ivyakozwe 11:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Kuri ivyo nca nibuka ijambo ry’Umukama, ingene yahora avuga ati: ‘Yohani we yabatirisha amazi+, mugabo mwebwe muzobatizwa mu mpwemu nyeranda+.’ 1 Abakorinto 12:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Kuko vy’ukuri biciye ku mpwemu imwe twese twabatijwe+ mu mubiri umwe, baba Abayuda canke Abagiriki, baba abashumba canke abidegemvya, kandi twese twanyweshejwe+ impwemu imwe.
3 Kuko nzosuka amazi ku wunyotewe+, n’imigezi ishororoka ndayisuke ahantu humye+. Nzosuka impwemu yanje ku ruvyaro rwawe+, n’umuhezagiro wanje ku bamuka kuri wewe.
28 “Kandi inyuma y’ivyo, uku ni ko bitegerezwa kuba: nzosuka impwemu yanje+ ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose+, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu+ bazovuga koko ubuhanuzi. Abatama banyu bazorota indoto. N’abasore banyu bazobona ivyo beretswe.
16 Yohani arishura, abwira bose ati: “Jeho ndababatirisha amazi; mugabo uwukomeye kundusha ariko araza, kandi umugozi w’inkweto* ziwe ntibimbereye kuwupfundurura+. Azobabatirisha impwemu nyeranda n’umuriro+.
16 Kuri ivyo nca nibuka ijambo ry’Umukama, ingene yahora avuga ati: ‘Yohani we yabatirisha amazi+, mugabo mwebwe muzobatizwa mu mpwemu nyeranda+.’
13 Kuko vy’ukuri biciye ku mpwemu imwe twese twabatijwe+ mu mubiri umwe, baba Abayuda canke Abagiriki, baba abashumba canke abidegemvya, kandi twese twanyweshejwe+ impwemu imwe.