ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 44:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kuko nzosuka amazi ku wunyotewe+, n’imigezi ishororoka ndayisuke ahantu humye+. Nzosuka impwemu yanje ku ruvyaro rwawe+, n’umuhezagiro wanje ku bamuka kuri wewe.

  • Yoweli 2:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 “Kandi inyuma y’ivyo, uku ni ko bitegerezwa kuba: nzosuka impwemu yanje+ ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose+, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu+ bazovuga koko ubuhanuzi. Abatama banyu bazorota indoto. N’abasore banyu bazobona ivyo beretswe.

  • Luka 3:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Yohani arishura, abwira bose ati: “Jeho ndababatirisha amazi; mugabo uwukomeye kundusha ariko araza, kandi umugozi w’inkweto* ziwe ntibimbereye kuwupfundurura+. Azobabatirisha impwemu nyeranda n’umuriro+.

  • Ivyakozwe 2:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 bose buzuzwa impwemu nyeranda+, batangura kuvuga mu zindi ndimi+ nk’uko nya mpwemu yabaha kuvuga.

  • Ivyakozwe 11:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Kuri ivyo nca nibuka ijambo ry’Umukama, ingene yahora avuga ati: ‘Yohani we yabatirisha amazi+, mugabo mwebwe muzobatizwa mu mpwemu nyeranda+.’

  • 1 Abakorinto 12:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Kuko vy’ukuri biciye ku mpwemu imwe twese twabatijwe+ mu mubiri umwe, baba Abayuda canke Abagiriki, baba abashumba canke abidegemvya, kandi twese twanyweshejwe+ impwemu imwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika