Yohani 15:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 namwe rero, mubwirizwa gushinga intahe+, kuko mwamanye nanje kuva mu ntango. 1 Petero 5:1 Bibiliya y’isi nshasha 5 Abagabo b’inararibonye bo muri mwebwe rero ndabahimiriza gutya, kuko na jewe ndi umugabo w’inararibonye+ hamwe na bo nkaba n’icabona+ c’imibabaro ya Kristu, n’uwusangira na bo ubuninahazwa bugiye guhishurwa+: 2 Petero 1:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Oya, ntitwabamenyesheje ububasha n’ukuhaba vy’Umukama wacu Yezu Kristu+ twisunze inkuru z’ikinyoma+ zaremaremwe ku buhinga, ahubwo twabigize twisunze ukuba twariboneye ugukayangana kwiwe+.
5 Abagabo b’inararibonye bo muri mwebwe rero ndabahimiriza gutya, kuko na jewe ndi umugabo w’inararibonye+ hamwe na bo nkaba n’icabona+ c’imibabaro ya Kristu, n’uwusangira na bo ubuninahazwa bugiye guhishurwa+:
16 Oya, ntitwabamenyesheje ububasha n’ukuhaba vy’Umukama wacu Yezu Kristu+ twisunze inkuru z’ikinyoma+ zaremaremwe ku buhinga, ahubwo twabigize twisunze ukuba twariboneye ugukayangana kwiwe+.