ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 53:1-12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 53 Ni nde yizeye ico twebwe twumvise+? Nayo ukuboko kwa Yehova+, ni nde kwahishuriwe+? 2 Azoduga nk’agashami+ imbere y’umuntu, nk’umuzi mu gihugu kigadutse. Nta shusho y’agakomeye agira, canke ubwiza bwakaka+; kandi nitwamubona, nta sura* agira ku buryo twomwipfuza+.

      3 Yarasuzugurwa kandi akinubwa n’abantu+; yari umuntu agenewe imibabaro n’ukumenya indwara+. Wamenga twari duhishijwe mu maso h’umuntu+. Yarasuzugurwa, tukamubona nk’ubusa+. 4 Vy’ukuri, indwara zacu ubwiwe yaraziremetse+; nayo imibabaro yacu, yarayikoreye+. Mugabo twebwe twamubona nk’uwatejwe ivyago+, uwakubiswe n’Imana+ kandi yatejwe amarushwa+. 5 Mugabo yaracumitwa+ azira ukugabitanya kwacu+; yarajanjagurwa azira amakosa yacu+. Uguhanwa kwo kutuzanira amahoro kwari kuri we+, kandi kubera ibikomere vyiwe+ twarashoboye gukira+. 6 Twese twarayerereye nk’intama+; twarahindukiye umwe wese agana inzira yiwe bwite; Yehova ubwiwe yatumye ikosa ryacu twese rihura n’uyo+. 7 Yarasugerezwa+, akemera agatezwa amarushwa+; yamara ntiyakurako umunwa. Yazanwa nk’intama igiye gukererwa+; kandi kurya kw’intama y’ingore yacitse ikiragi imbere y’abayikemura, na we nyene ntiyakurako umunwa+.

      8 Kubera ukuzigirizwa be n’urubanza, yarakuweho+; kandi ni nde azokwitaho ido n’ido ry’amamuko yiwe*+? Kuko yatandukanijwe+ n’igihugu c’abazima+. Yakubiswe+ azira ukugabitanya+ kw’abantu banje. 9 Azomuha ikibanza ciwe co guhambwamwo kumwe n’ababisha+, kumwe n’abatunzi mu rupfu rwiwe+, naho ata bukazi yari yarakoze+, kandi akaba ata buhendanyi bwari mu kanwa kiwe+.

      10 Mugabo Yehova ubwiwe yarahimbawe no kumujanjagura+; yamuteye kurwara+. Niwamugira nk’ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha+, azobona uruvyaro rwiwe+, azorehura imisi yiwe+, kandi mu kuboko kwiwe ibihimbara+ Yehova bizokunda+. 11 Kubera ivyago vyiwe, azobona+, azohaga+. Biciye ku bumenyi bwiwe, umugororotsi, umusavyi wanje+, azozanira abantu benshi impagararo igororotse+; kandi amakosa yabo we ubwiwe azoyikorera+. 12 Ku bw’iyo mvo, nzomuha umugabane muri benshi+, kandi azogabanganya isahu kumwe n’abanyabushobozi+, kubera ko yasutse ubuzima bwiwe gushika ku rupfu+, agaharurwa mu bagabitanya+; kandi ubwiwe yiremetse igicumuro c’abantu benshi+, aja hagati ku bw’abagabitanya+.

  • Daniyeli 9:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 “Kandi inyuma y’ayo mayinga mirongo itandatu n’abiri, Mesiya azokurwaho+, ntihagire ico asigarizwa+.

      “Kandi igisagara be n’ahantu heranda+ bizosenyurwa n’abantu b’indongozi iriko iraza+. Iherezo ryaho rizoba biciye kw’isegenya. Kandi hazoba intambara gushika kuri iryo herezo; icapfunditswe ni uko haba imisaka+.

  • Ivyakozwe 4:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 kugira ngo bakore ibintu vyose ukuboko kwawe n’inama yawe vyari vyaragenye imbere y’igihe ko bizoba+.

  • 1 Petero 1:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Bagumye batohoza ikiringo nyezina+ canke ubwoko bw’ikiringo impwemu+ yari muri bo yariko yerekana ku vyerekeye Kristu+, igihe yashinga intahe imbere y’igihe ku vyerekeye imibabaro ibikiwe Kristu+ no ku vyerekeye ubuninahazwa+ bwari kuyikurikira.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika