Mariko
7 Buno Abafarizayo na bamwe mu banditsi bari baje bava i Yeruzalemu bakoranira iruhande yiwe+. 2 Hanyuma babonye bamwe mu bigishwa biwe bafungura n’iminwe ihumanye, ni ukuvuga iminwe idakaravye+— 3 kuko Abafarizayo n’Abayuda bose batarya batabanje gukaraba iminwe kugeza mu nkokora, bakagumya umugenzo w’aba kera, 4 kandi iyo bavuye mu kaguriro, ntibarya batihumanuye mu kwimijagira amazi; hari n’iyindi migenzo+ myinshi bahawe ngo bayigumye, nko kwinika mu mazi ibikombe n’amakarabo n’inkono z’umuringa+,— 5 abo Bafarizayo n’abanditsi baca bamubaza bati: “Kubera iki abigishwa bawe batigenza nk’uko umugenzo w’aba kera uri, mugabo bagafungura n’iminwe ihumanye+?” 6 Ababwira ati: “Yesaya ntiyihenze igihe yavuga mu buhanuzi ibiberekeye, mwa biyorobetsi, nk’uko vyanditswe ngo+: ‘Aba bantu bantera iteka n’iminwa yabo, mugabo imitima yabo yigijwe kure yanje cane+. 7 Bansengera ubusa, kuko inyigisho bigisha ari amabwirizwa y’abantu+.’ 8 Mureka ibwirizwa ry’Imana, mukagumya umugenzo w’abantu+.”
9 Hanyuma ababwira ati: “Mubigiranye ubuhanga, murigiza ku ruhande ibwirizwa+ ry’Imana kugira ngo mugumye umugenzo wanyu. 10 Nk’akarorero, Musa yavuze ati: ‘Tera iteka so na nyoko+,’ yongera ati: ‘Uwututse se canke nyina ntaze abure gupfa+.’ 11 Mugabo mwebwe muvuga ngo: ‘Iyo umuntu abwiye se canke nyina ati: “Ico nari mfise cose nogufashisha ni korubani+ (ni ukuvuga ingabirano yeguriwe+ Imana),”’— 12 ntimuba mukimuretse ngo agire ikintu na kimwe akorera se canke nyina+, 13 gutyo rero mugatituza ijambo ry’Imana+ imigenzo yanyu mwagiye murahererekana. Kandi murakora n’ibindi vyinshi+ mwene ivyo.” 14 Nuko yongera guhamagara isinzi ngo rize kuri we, ababwira ati: “Nimunyumvirize, mwebwe mwese, kandi mutegere insobanuro+. 15 Nta kintu na kimwe kiva hanze y’umuntu cinjira muri we gishobora kumuhumanya; mugabo ibisohoka bivuye mu muntu ni vyo bihumanya umuntu+.” 16* ——
17 Amaze kwinjira mu nzu kure ya rya sinzi, abigishwa biwe batangura kumubaza ibijanye n’ico kigereranyo+. 18 Nuko ababwira ati: “Mbega namwe cokimwe na bo ntimutegera+? Ntimuzi yuko ata kintu na kimwe kiva hanze kikinjira mu muntu gishobora kumuhumanya, 19 kuko kitinjira mu mutima wiwe, mugabo cinjira mu mara yiwe, hanyuma kigasohoka kikaja mu musarani+?” Gutyo yari yerekanye ko ibifungurwa vyose bihumanuye+. 20 Bitayeko, avuga ati: “Ibisohoka bivuye mu muntu ni vyo bihumanya umuntu+; 21 kuko imbere mu mutima w’abantu+ ari ho ivyiyumviro bibi bisohoka biva: ubusambanyi+, ukwiba, ubwicanyi+, 22 ukurenga ibigo, ukugira umwina+, ibikorwa vy’ububisha, ubuhendanyi, ubushirasoni*+, ijisho ry’inzigo, ukurogota, ubwibone, ubusazi. 23 Ivyo bintu bibi vyose bisohoka biva imbere kandi birahumanya umuntu+.”
24 Arahaguruka ava ng’aho aja mu turere twa Tiro na Sidoni+. Hanyuma yinjira mu nzu, akaba atashaka ko hagira umuntu n’umwe abimenya. Yamara ntivyashobotse ko batamubona+; 25 mugabo buno nyene umugore yari afise agakobwa karimwo impwemu ihumanye yumva ivyiwe, hanyuma araza akubita inkoro hasi ku birenge vyiwe+. 26 Nya mugore yari Umugirikikazi, yamuka i Sirofenisiya; kandi yaguma amusaba kwirukana iyo dayimoni mu mukobwa wiwe+. 27 Mugabo amubwira ati: “Banza ureke abana bahage, kuko atari vyiza gufata umukate w’abana+ ukawuterera utubwa+.” 28 Ariko abishura ati: “Egome mutungwa, yamara nya tubwa aho twibereye munsi y’imeza, turya ku tuvunguka+ tw’abana+.” 29 Aca amubwira ati: “Ko uvuze ivyo, genda; ya dayimoni yavuye mu mukobwa wawe+.” 30 Nuko aragenda i muhira, asanga+ wa mwana mutoyi aryamye ku gitanda, ya dayimoni na yo yamuvuyemwo.
31 Yongera kugaruka ava mu turere tw’i Tiro aciye i Sidoni, aja ku kiyaga c’i Galilaya aciye hagati mu turere tw’i Dekapoli+. 32 Hano bamuzanira umugabo w’igipfamatwi kandi atavuga ngo atobore, hanyuma baramwinginga ngo amurambikeko ikiganza+. 33 Nuko amujana hirya ya rya sinzi ahiherereye hanyuma ashira intoke ziwe mu matwi ya nya mugabo, buno amaze gucira amate, amukora ku rurimi+. 34 Hanyuma arangamiza mw’ijuru+ ariruhutsa+ cane, amubwira ati: “Efata,” ni ukuvuga ngo: “Zibuka.” 35 Ubushobozi bwiwe bwo kwumva buca buragaruka+, icamugoba ururimi kirahava, aca atangura kuvuga nk’uko bisanzwe. 36 Nuko arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babibwira+; mugabo uko yarushiriza kubihanikiriza, ni ko barushiriza kubitangaza+. 37 Emwe, barajorerwa+ bimwe vy’akataraboneka, bavuga bati: “Akoze ibintu vyose neza. Aratuma n’ibipfamatwi vyumva n’ibiragi bikavuga+.”